DiasporaKirundiSport

Basketball: Abigeme 15 nibo bagiye guserukira Uburundi mu nkino za Afrobasket2025

 

Inyuma y’imyaka 12 ata mugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaboko basketball w’abigeme witabira amahiganwa mpuzamakungu, uwo mugwi ugiye gusubira guserukira Uburundi.

Kuri uwu gatunu igenekerezo rya 24 Nzero 2025 niho uwo mugwi ugizwe n’abigeme 15 bava mu migwi itandukanye bakora imyimeneyerezo ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino kiri mu gisagara ca Bujumbura muri asiatique. Uwo mugwi ukaba uzoserukira igihugu c’uburundi mu nkino za Afrobasket2025 zizobera mu gihugu ca Egiputa kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2025.

Mugihe hasigaye ikiringo c’indwi zitarenga 2 ngo iryo higanwa ritangure, mu mugwi nserukira gihugu haracariho utugorane dutandukanye bivuye ku kuba atamufatanyabikorwa n’umwe barashobora kuronka ngo bashigikire abo bigeme. Haracibonekeza kandi ikena rya bimwe mu bikoresho nkenerwa nk’imyambaro, ibirato n’ibindi.

Nkurunziza Arcade arongeye ico gikorwa co kuyobora umugwi nserukira gihugu kuva mu myimenyerezo gushika mu gihugu ca Egiputa asaba amashirahamwe hamwe n’uwo wese yoba abishoboye gushigikira kugira baze baronke uburenganzira bwo kwitabira izo nkino.

Ku rutonde rw’abakinyi 15 bagiye kuzoserukira uburundi, abakinyi 8 basanzwe bakinira imigwi itandukanye yo hanze y’igihugu c’uburundi. Umumenyereza asanzwe abamenyereza akaba yemezako mu misi bari bamaranye yabonye ko bafise urugero rwiza cane.

Umugwi nserukira gihugu ukaba utegekanya gufata urugendo igenekerezo rya 31 Nzero 2025 werekeza mu gihugu ca Egiputa ahazobera iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE