EntertainmentKirundi

Vichou Love ati : “Nipfuza kuba umuririmvyi mpuzamakungu”

 

Umuririmyi w’umurundi azwi kw’izina rya Vichou Love avuga ko adashobora kuja kuririmbira mu makungu mu gihe abona ko yovayo umufuko utuzuye amafaranga kuko yipfuza kuba umuririmvyi mpuzamakungu gutyo yinjize amafaranga mva makungu mu Burundi.

Nk’uko uwo muririmvyi yabishikirije biciye mu kiganiro Indundi hit show co kuwa 29 nzero  2025 gica kuri Radio Indundi Culture, avuga ko abamurondera kugira aje kuririmbira hanze y’igihugu atari bake ariko abasanzwe bajejwe ibikorwa vyiwe (management) babonye ko ata mafaranga bipfuza abo bamurondera bariko baratanga. Nico gituma hariho abamutumako benshi bo mu bindi bihugu bataravyemererwa bitumwe n’uko amafaranga batanga ari make kuyo abategura ibikorwa vya Vichou bita”the fighters” bashaka.

Vichou Love kandi avuga ko muri uyu mwaka wa 2025 aje azananye inguvu zirenze izo yahorana cane cane mu gutanga indirimbo zifise amasanamu kuko mu mwaka uheze wa 2024 yabonetse cane mu ndirimbo zikozwe mu majwi gusa bita”audios”. Ivyo ngo vyatumwe n’uko amashusho y’indirimbo asaba uburyo bwinshi ndetse n’umwanya ukwiye. Yongera kandi agira ati: “Abarundi baririmba neza ariko ikibazo kihari ntituramenya gutezanya imbere ngo dushikane kure indirimbo z’abarundi kandi bisaba ko umurundi abanza gukunda ivy’iwabo imbere y’uko akunda indirimbo z’ahandi”.

Uwo muririmvyi amenyesha ko guhera kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka wa 2025 abakunzi b’ibikorwa vyiwe bokurikirana cane ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha kuko agiye kuza aracishaho ibiganiro vyo kwigishanya ku bintu bitandukanye. Kazoba ari n’akaryo keza ku bakunzi biwe ko kumubaza ibibazo bijanye n’ikiyago azoba yashikirije uwo musi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE