Umukinyi w’umusatirizi m’umupira w’amaguru wo m’umugwi userukira igihugu Intamba mu rugamba azwi kw’izina rya Bimenyimana Bon Fils Caleb ntakibarizwa muri Zob Ahan Eshfan.
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Nzero 2025 , niho umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Bimenyimana Bon Fils Caleb yahitamwo guhagarika amasezerano yari afitaniye n’uwo mugwi Zob Ahan Eshfan ukina mu cicaro cambere mu gihugu ca Iran .
Aganira na Indundi Sports yavuze y’uko imvo yatumye ahagarika amasezerano yari afitaniye n’uwo mugwi ari uko bamuheraniye imishahara ya mezi atatu (3) .ibintu vyose muri kino gihe biri mu maboko y’uwusanzwe ahagarikiye ibikorwa vyiwe ( Agent) ndetse n’umucamanza wiwe .
Bimenyimana Bon Fils Caleb akaba yashize umukono Ku masezerano yo gukinira uwo mugwi igenekerezo rya 30/10/2024.
Caleb yari amaze gukinira umugwi wa Zob inkino zishika kuri 4 Mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu ca Iran .Mwomenya kandi ko uwo mukinyi imbere y’uko aja muri uwo mugwi yicaye umwaka wose adakina bivanye n’imvune yagize igihe yakina mu Ntamba mu rugamba .