Muri wa mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura “Buja City Plaza”, Fabrice Manirakiza asanzwe ajejwe ivyo bikorwa mw’ishirahamwe Ubaka Nation Group avuga ko iyo soko ya Bujumbura niyamara kwubakwa hazoca n’imyaka 1000 atamuriro usubiriye kuyitera.
Fabrice Manirakiza ajejwe iyubakwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura ririko ritunganywa n’ishirahamwe Ubaka Nation Group avuga ko mu vyigwa biriko birigwa mu mugambi wo gusubiramwo iryo soko harimwo no kuzoshiramwo ubuhinga bwo kuzimya umuriro bise “Fire systeme” ngo k’uburyo hagize uruhande rufatwa n’umuriro ubwo buhinga buca buyizimya ubwo nyene.,Amenyesha ko ivyo biri muvyo abahinga muvyo kwubaka babonye mu rugendo baherukamwo i Dubai.
Kubijanye n’abibaza ko ibikorwa vyo gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura “Buja City Plaza” biri mu gacerere, Fabrice agira ati:”Ibikorwa birabandanya kuko amasezerano twagiraniye na Leta mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka uheze wa 2024 yari ajanye n’ukwerekana ico dushoboye.,Ubu rero turindiriye amasezerano ya kabiri atwemerera gutangura ibikorwa nyezina,ariko ivyigwa vyo birabandanya. Ninaho turiko turiga ukwo twoshiramwo ubwo buhinga bushasha bwitwa “Fire systeme”.
Fabrice amenyesha kandi ko abariko barashira imitahe yabo muri uwo mugambi bobandanya ariko ngo nibatangura ibikorwa nyezina vyo kwubakwa iyo soko, imitahe izoca iduzwa igiciro.