Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 02 Ruhuhuma 2025, umugwi Police Fc waraye wakiriye umugwi Sofapaka Fc ku kibuga Kenyatta Matchakos kiri mu gisagara ca Nairobi mu rukino rw’indwi igira 19 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Kenya. Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganya igitsindo 1-1.
Sofapaka niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 37 w’urukino biciye kuri Donato. Mu nyuma cagiye kugomborwa na Brian Okoth ku munota wa 89 w’urukino.
N’ubwo iminota 90 y’urukino yarangiye imigwi yose inganya, umukinyi w’umusatirizi w’umurundi David akinira umugwi Police Fc yatsinze igitsindo ciza, umuhagarikizi aracanka.
Police Fc imenyerezwa na Etienne Ndayiragije gushika muri kano kanya n’iyo ifata ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Kenya n’amanota 37.
Uwo mugwi Etienne Ndayiragije amenyereza yawusanze uri mu kibanza ca 17 ariko muri kino gihe amaze kuwushikana mu kibanza ca mbere.
Mwomenya ko urwo ari urukino rugira 12 Etienne amenyereje, akaba ataratakaza urukino na rumwe muri iryo higanwa.