EntertainmenthomepageKirundiMusic

Intambamyi bahura nazo ntizibabuza gukomeza urugendo batanguye

Umugwi w’imisore ibiri, Guy Noel na Issac baririmba indirimbo mpimbaza-Mana bavuga ko umugwi wabo bawutanguye bari i Gitega. Haciye imyaka ibiri bari kumwe. Umuryango ukaba waravyakiriye neza. N’aho bagiye barahura n’intambamyi zitandukanye, barakomeje umuziki. Iyo mikagara iririmba indirimbo mpimbaza-Mana bava mu muryango umwe, Guy Noel niwe mukuru wa Issac.

Abo yabaririmvy bashikirije ko indirimbo «Te Amo»  ariyo yabaye iya mbere yabahumuye amaso maze babona ko bafise impano yo gukora indirimbo mpimbaza-Mana, niho guca bandika indirimbo ya kabiri nshasha bise «IRAKOMEYE». Iyo ndirimbo ivuga ibintu vyinshi vyerekeye ubuzima bwabo harimwo ivyo baciyemwo atari vyiza ariko mu nyuma baza babona ko Imana ikomeye. Barahumuriza abantu bariko baraca mu zima bugoye ko bomenya ko Imana ikomeye cane. Iyo indirimbo bataguye kuyandika bavuye mu bihe vy’amasegesho aho Guy yabwira mugenzi we melody yumva muri we baca batangura kuyikora.

Iyo misore bamenyesha ko aribo nyene bakoresha uburyo bwabo kugira ngo baje mu nzu ihinyanyura umuziki. Barashimira abantu bariko babatera intege mu kubarungikira ubutumwa bwinshi babakeza bababwira ko bakoze ikintu ciza.

Basaba ababishoboye kubashigikira kugira ngo nabo bashike ku ndoto zabo n’abakunzi b’indirimbo mpimbaza-Mana ko baja ku rubuga rwabo rwa youtube kugira ngo babashigikire.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE