BurundihomepageKirundiSante

Hatanzwe ingabire y’ibitanda ijana mu ntumbero yo kunagura igisata co gutanga amaraso

Mu ntumbero yo kwitaho no kunagura uburyo bwo gutanga amaraso hamwe n’abatanga amaraso umuryango utabara imbabare Croix Rouge Burundi ufadikanije n’uwo mu gihugu c’Ububiligi waratanze ingabire y’ibitanda ijana ku kigo kijejwe kwegeranya amaraso CNTS .

Kw’igenekerezo rya 10 mukakaro, umuryango utabara imbabare croix rouge mu Burundi wifadikanije n’uwo mu gihugu c’Ububiligi baratanze ingabire y’ibitanda 100 ku kigo kijejwe kwegeranya amaraso CNTS. Iyo ngabire ikaba ifise intumbero yo kunagura ogisata co gutanga amaraso cane cane mu bibanza batangiramwo amaraso mu kubironsa ibikoresho vya none.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Anselme Katiyunguruza we amenyesha ko, iyo ngabire iri mu mugambi w’uyo muryango wo guteza imbere igisata c’amagara y’abantu mu Burundi mu ntumbero yo guhimiriza abasanzwe batanga amaraso.

Umuyobozi w’ikigo kijejwe gutororokanya amaraso CNTS yashimiye umuryango utabara imbabare, yemeza kandi ko iyo ngabire igiye gusahiriza igisata co gutanga amaraso mu Burundi maze abayatanga bakayatanga mw’ituze. Kabaye n’akaryo ko guhamagarira abanyagihugu basanzwe batanga amaraso kubandanya bakora ico gikorwa yise ic’iteka: “Gutanga amaraso n’ugutabara ubuzima bw’abandi, n’ukumenya kandi umugwi w’amaraso hamwe n’ukumenya ukwo amagara y’umuntu yifashe”.

Nayo Saskia Beerts yaserukiye umuryango utabara imbabare wo mu Bubiligi yamenyesheje ko bazobandanya bitaho igisata c’amagara y’abantu mu Burundi.

 

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE