Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru CAF ryaraye rishize ahabona ibibuga vyemewe kwakira inkino mpuzamakungu. Ivyo bibuga CAF ivuga y’uko biri mu muce ugira 2 kandi vyemewe kwakira nk’inkino za CAN -17 , U20 hamwe na -23 , hamwe n’inkino z’amajonjora za CAF Champions League ndetse na Confederation cup.
Kuri urwo rutonde igihugu ca mbere gifise ibibuga vyinshi ni Africa y’epfo, ikaba ifise ibibuga 13, Maroc igakurikira ifise ibibuga 10, Algeria nayo ibibuga 9. Ivyo bihugu birerekana y’uko bimaze gutera imbere cane mubijanye n’inyubako z’ibibuga.
Ibi nivyo bibuga vyemewe na CAF :
– Africa y’epfo ifise ibibuga 13 vyemewe na CAF
– Maroc ifise ibibuga 10
– Algeria ifise ibibuga 9
– Côte d’Ivoire ifise ibibuga 6
– Egypt ifise ibibuga 5
– Uburundi bufise ikibuga 1 naco nyene cemewe vy’imfatakibanza
– Tchad ifise ikibuga 1 naco nyene cemewe vy’imfatakibanza
– Angola ifise ibibuga 2
– Bénin ifise ikibuga 1
-Botswana ifise ibibuga 2
– Cameroun ifise ibibuga 5
– RD Congo ifise ibibuga 3
– Cap – Vert ifise ikibuga 1
– Comores ifise ikibuga 1
– Congo Brazaville ifise ikibuga 1
– Eswatini ifise ikibuga 1
– Ethiopie ifise ibibuga 2
– Ghana ifise ikibuga 1
– Gabon ifise ikibuga 1
– Guinée Bissau ifise ikuvuga 1
– Guinée Equatorial ifise ibibuga 3
– Kenya ifise ikibuga 1
– Liberia ifise ikibuga 1
– Libya ifise ibibuga 2
– Madagascar ifise ikibuga 1
– Malawi ifise ikibuga 1
– Mali ifise ibibuga 6
– Mauritanie ifise ibibuga 2
– Ile Maurice ifise ikibuga 1
– Mozambique ifise ikibuga 1
– Niger ifise ikibuga 1
– Nigeria ifise ibibuga 2
– Urwanda rufise ibibuga 2
– Sénegal ifise ibibuga 2
– Soudan ifise ikibuga 1
– Tanzania ifise ibibuga 2
– Togo ifise ikibuga 1
– Tunisie ifise ibibuga 3
– Uganda ifise ibibuga 3
– Zambia ifise ibibuga 2
– Zimbabwe ifise ikibuga 1
– Zanzibar ifise ikibuga 1.