Umugwi nserukira gihugu wa Gambia ugiye kwakirira Uburundi mu gihugu ca Kenya mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 kizobera mu bihugu bitatu arivyo America, Mexico hamwe na Canada.
Impamvu igihugu ca Gambia cahisemwo kwakirira igihugu c’Uburundi muri Kenya n’uko ikibuga cabo citiriwe ukwikukira (Independence Stadium) kitarakwiza ivyangombwa vyose bisabwa na CAF kugire cakire inkino mpuzamakungu.
Ico kibuga bikaba bitegekanijwe y’uko kizorangira mu kwezi kwa Nzero umwaka uza wa 2026.
Igihugu ca Gambia imbere y’uko gikina n’igihugu c’Uburundi kizobanza gitane mu mitwe n’igihugu ca Kenya igenekerezo rya 05 Nyakanga 2025 hama igenekerezo rya 09 Nyakanga 2025 gice cakira igihugu c’Uburundi. Izo nkino zose zizobera muri Kenya.
Mwomenya ko Uburundi nabwo imbere y’uko buhura na Gambie muri kenya buzobanza gukina na Côte d’Ivoire iwabo mu kwezi kwa Nyakanga igenekerezo rya 05 Nyakanga 2025.