Abarimyi babona ko reta yoshiraho umugwi ujejwe gukurikirana ivyerekeye ingurane ihabwa abrimyi. Umushikiranganji wa mbere we ashikiriza ko hariho impamvu reta yahisemwo iyo ntunganyo.
Nk’uko bishikirizwa n’umwe mu barimyi azwi kw’izina rya Albert Manishimwe kuronka ingurane ijanye n’uburimyi mw’ibanki bisaba amananiza agatanga akarorero k’amafaranga yitwa aya amadosiye barihishwa y’umurengera ayo bakayarihishwa mu gihe baba bataranagura n’imbuto zo guteragira we akabona ko reta yoshiraho ikigega co gufasha abarimyi maze bakaronswa ingurane ivuye muri ico kigega bitarinze guca mu mabanki.
Jean Gatabazi umurimyi mworozi akaba n’umugwizambuto nawe nyene aremeza ko umurimyi bimugora kuronka ingurane muri banki we akagira ati :
“nimurondere umugwi wo kuvugira abanyagihugu bagiye gusaba ingurane bashobore kuyironka bitagoranye”.
Kubw’umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye ngo hariho impamvu reta yashimye gucisha ayo mafaranga mu mabanki y’ubudandaji n’ubwo atasiguye iyo mpamvu.
Yagize ati : “nta Reta izotanga amahera, izotanga uburusho si bimwe vya kera. Wewe uragenda kuri uwo yigenga ! Ni business! Nababwiye ko hari abantu bafise amahera sivyo. CRDB muzoyabaha hari n’ayo tugira tubongere kandi twababwiye ko muyashira mu gisata c’uburimyi n’ubworozi ntibazoje ahandi. Vyumvikane ko reta itanze amahera ariko hari impamvu twayahaye ayo ma banki imiriyaridi zirenga amajana angahe bafise”.