homepageKirundi

Umwuga wo kuroba urabatunze n’ubwo hatabuze agahaze

Abakora umwuga wo gukora ama machine bakoresha mu kuroba mu kiyaga Tanganyika babona ko ari umwuga ubatunze n’ubwo usanga bahura n’ibibazo bitandukanye.

Mathieu Nduwayo ni umufundi akora ama machine akoreshwa n’ubwato bukoreshwa mu kuroba mu kiyaga Tanganyika avuga ko iyo ayo ma machine apfuye yemeza ko umutunze n’ubwo ari umwuga akora atigeze yiga mw’ishure.

Mathieu amenyesha ko uwo mwuga yawigishijwe n’umuvyeyi wiwe ariwe se kuko yabonye ko ishure rimunaniye aca ahitamwo kumwigisha uwo mwuga kugira nawe ashobore kwibeshaho. Kugira amenye uwo mwuga bikaba vyamutwaye umwaka 1 n’amezi 2. Izo machine zisanzwe zitwara ubwato bwo kuroba ni icuma bambika ubwato bajana kuroba bukanakenera igitoro.

Elvis Nibitanga nawe avuga ko nawe yawigiye aho nyene k’umweha wa Nyamugari kuko atavyo yigeze yiga ku ntebe y’ishure nawe vyatumye yegera abasanzwe bakora uwo mwuga ari navyo vyatumye awumaramwo imyaka ishika kuri 7.

N’ubwo bishimira gukora uwo mwuga abo bakora uwo mwuga bamenyesha ko hari ibibazo bahura navyo mu kazi kabo ariko ntibituma babiheba. Elvis Nibitanga amenyesha ko hari ibibazo bahura navyo nko gusanga atavyo muhurijeko n’abakoresha canke ugasanga umwanya urabagora nabo bashaka ivyihuta kugira baje mu mazi kuroba.

Mu gihe havurwa ibura ry’akazi k’urwaruka, abo kora uwo mwuga baratera akamo k’urwaruka rutagira akazi kwiga uwo mwuga cane cane kubaja kwicara ku marigara.

Abakora uwo mwuga bemezako gushika muri kino gihe ari umwuga ata bakenyezi barawijukira.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE