homepageKirundi

Kuba Ezechiel Nibigira agiye kurongora inama ishingiye k’ubutunzi y’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati bifise akahe karusho ku Burundi

Uburundi bugiye kurongora inama ishingiye k’ubutunzi y’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati CEEAC. Kubwa Cyprien Mbonimpa ni akarusho k’ubutunzi bw’igihugu mu gihe hokorwa ivyigwa.

“Iyo ufise uwawe ari imbere nawe ukaba ufise ico urondera biroroha”. Uko niko umwe mu baserukiye Uburundi mu makungu Cyprien Mbonimpa agereranya akamaro uwigiye kurongora inama y’ubutunzi y’ibihugu vya Afrika yo hagati.

Cyprien Mbonimpa amenyesha ko Uburundi bukwiye kuba maso bukamenya ibikwiye inyungu bukwiye guharanira ko ica mbere boherako ari kugira imigenderanire myiza n’ibindi bihugu ariko kandi hatibagiwe inyungu zishingiye ku butunzi asigura ko atari ibintu bidaca biza ubwo nyene ahubwo ari intambwe ku yindi ikwiye guharanirwa.

Kugira uburundi buronke akarusho mu vyerekeye ubutunzi hokorwa ivyigwa kw’ihererekanywa ry’ibidandazwa uburundi bukamenya ibikwiye gushorwa muri ivyo bihugu biri muri uwo muryango hamwe n’ivyoza bivuye muri ivyo bihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE