homepageKirundiSport

Hagiye kwubakwa Arena mu Burundi

Bivugwa na Lydia Nsekera asanzwe arongoye CNO mu Burundi, avuga ko hategekanijwe imiriyaridi 30 (30.000.000.000 Fbu) kugira hubakwe ico kibuga gisakaye c’inkino z’umupira w’amaboko Arena.

Akaba yabivugiye mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe mpuzankino mu Burundi CNO (Comité National Olympique) hamwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino rwo kuri uyu wa 2 Gitugutu 2025 mu nyubakwa za Hôtel Émeraude.

Umushiranganji mu vyo ajejwe harimwo inkino akaba n’umuyobozi wa CNO Lydia Nsekera, yamenyesheje ko imiriyaridi 5 z’amarundi ari zo zimaze kuboneka muri 30 zikenewe mu kwubaka ikibuga gisakaye (Arena), kizokinirwamwo inkino za Basketball, Volleyball hamwe na Handball.

Arongera akavuga ko ico kibuga kizokwubakwa inyuma ya Stade Intwari, ahahoze ishengero Shemeza Worship Temple. Umushikiranganji w’inkino avuga ko bagiye kwiga aho ubundi buryo buzova mu nama igiye gutunganywa.

Mwomenya kandi ko hagiye kwubakwa ikibuga c’urukino rw’umupira w’amaguru mu bigo vya kaminuza y’uburundi, ikigo kiri ku Mutanga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE