Umunyeshure umwe yaritavye Imana abandi 24 barakomereka, ibisenge vy’ibirasi 13 navyo birasambuka ku muhingamo wo kuwa mbere, igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025 mu ntara ya Butanyerere.
Ivyo bikaba vyabaye biturutse ku mvura y’igihuhusi ivanze n’urubura yaguye muri zone Mubuga na Mivo yo muri komine Ngozi mu ntara ya Butanyerere. Iyo mvura ikaba yatanguye kugwa guhera igihe c’isaha icenda z’ijoro (3h00) kw’ishure bita École d’ambiance riri ku mutumba wa Kayogoro. Uwo muyaga ukaba wasambuye ibirasi 13 hongera hasambuka n’uburaro bw’abanyeshure aho hononekaye imatera zishika 150 n’ibindi bikoresho vy’abanyeshure vyo mu ndaro bitari bike.
Umunyeshure w’imyaka 13 yaciye yitaba Imana abandi 24 barakomereka bitumwe n’ibomoka ry’impome z’amashure yari akiriko arubakwa, ibitabo vy’abigisha n’ivyabanyeshure bikaba vyarononekaye.
Abanyeshuri bakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vya Ngozi ikiziga c’uwo mwana yitavye Imana gica kijanwa mu buruhukiro.
Iyo mvura ikaba kandi yarononye imirima iri ku buringanire butaramenyekana. Abajejwe intwaro muri ayo mazone bamenyesha ko abahuye n’ivyo vyago muri kino gihe bari mu kangaratete.
Basaba abagiraneza kubagarukirako bongerere bafashe mw’isanurwa ry’inyubakwa zononekaye.

























