DivertissementKirundiMusic

Umuririmvyi Mista Champagne arahanura abandi baririmvyi b’Abarundi

Umuririmvyi Mista Champagne, ari  umutumire kuri Radio Indundi Culture kuri uyu wa mbere, yahamagariye abaririmvyi b’Abarundi kubaha bakuru babo, arashigikira uruhara rwa Big Fizzo mu muziki ndundi kandi agashimangira ko yiyumvamwo cane akaranga k’umuziki ndundi.

Mu kiganiro Indundi_Hits_Shows co kuri Radio Indundi Culture co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Kigarama 2025, umuririmvyi Mista Champagne yavuze ko abaririmvyi bakora muri iki gihe bakwiye gukora bubaha abakuru babo, kuko ari bo babanje gutanguza inzira y’umuziki.

Avuga ko hari abaririmvyi bamwe bavuga amajambo adakwiriye ku muririmvyi Big Fizzo, mu gihe yemera ko ari we yagize uruhara runini mu guteza imbere umuziki ndundi kuva kera.

Mista Champagne yongera akavuga ko umuririmvyi Sat-B ari mu baririmvyi b’urunganwe rwa gatatu, mu gihe we yiyumvamwo b’urunganwe rwa kabiri, kuko akora umuziki ndundi cane, n’aho hari abavuga ko atari umurundi. Yongerako ati:
« Ivyo ni ikimenyamenya nuko igihe cose nsohotse igihugu, nemera kandi nishimira ko ndi Umurundi, kuko ibikorwa vyanje vyinshi ndabikora mu gihugu canje, Uburundi. »

 

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE