BurundihomepageKirundi

Impamvu urwaruka rwinshi mu Burundi ruheza amashure ariko rukabura akazi

Mu myaka iheze, igitigiri c’urwaruka ruheza amashure mu Burundi cariyongereye cane. Buri mwaka, amashure ya kaminuza, ay’imyuga hamwe n’ayisumbuye arasohora urwaruka rwinshi rufise indoto zo kwinjira mu buzima bw’akazi mu ntumbero yo kwiteza imbere no gufasha imiryango yabo. Abenshi muri bo baguma i muhira amezi menshi canke imyaka ata kazi baronka.

Ico kibazo kiriko kiraba kimwe mu bibazo bihangayikishije cane urwaruka rwrabarundi muri iki gihe. Hari mbere bamwe batangura kwihebura, bakumva ko kwiga ata kamaro bigifise kubera ukuntu akazi kagoye kuronka.

Kimwe mu bituma urwaruka rubura akazi ni uko ivyo bamwe bize bidahuye n’ivyo isoko ry’akazi rikenera. Hari urwaruka rwinshi rurangiza amashure rufise ubumenyi bwinshi mu vyigwa vya theorie, ariko bagasanga aho bagiye gusaba akazi hakenewe uburambe canke ubuhinga ngirakamaro bataronse mu mashure.

Abakoresha benshi bavuga ko hari bamwe barangiza amashure badafise ubushobozi bwo gukora ibikorwa ngirakamaro mu kazi ka misi yose. Ivyo bituma bamwe babanza gukora imyimenyerezo y’akazi igihe kirekire canke bagahitamwo gukora ibindi bitajanye n’ivyo bize.

Naho hari ibikorwa vy’iterambere biriko birakorwa, igitigiri c’akazi gishasha kiracariri hasi ugereranije n’urwaruka rwinjira kw’isoko ry’akazi buri mwaka. Ivyo bituma abantu benshi bahiganirwa ibikorwa bike biriho.

Hari n’abemera ko uburyo bwo kuronka akazi rimwe na rimwe budaca mu muco, aho bamwe bavuga ko hakunda gusabwa abo muzinanye (famille ) canke abafise aho bahuriye n’abatanga akazi. Ivyo navyo bituma hari urwaruka rutakaza icizere.

Naho akazi ka Leta canke mu mashirahamwe yigenga kagoye kuronka, hari bamwe mu rwaruka bagifise ubwoba bwo kwitangira imigambi yabo bwite. Bamwe bavuga ko babura uburyo bwo gutangura, abandi bakavuga ko batinya guhomba.

Ariko muri iki gihe, hari urwaruka rumaze gutahura ko kwiteza imbere bidategerezwa guhera gusa ku kazi gahemba buri kwezi. Hari bamwe batangura ubudandaji buto buto, ubworozi, uburimyi canke ibikorwa bikorwa biciye kuri internet, maze bikagenda neza.

Abavyeyi benshi baracafise iciyumviro c’uko umwana yize ategerezwa guca aronka akazi ko mu biro. Ivyo bituma rimwe na rimwe urwaruka rutabona intege zo gukora ibindi bikorwa vyobafasha kwiteza imbere.

Ku ruhande rw’igihugu, hari akamaro ko gukomeza gushigikira urwaruka biciye mu nyigisho z’imyuga, gufasha imigambi mito mito hamwe no kurema amahirwe y’akazi mashasha. Iyo urwaruka rushigikiwe neza, rushobora kuba umushinge ukomeye w’iterambere ry’igihugu.

Naho ikibazo c’ubushomeri kigihari, hari urwaruka rwinshi rw’Abarundi ruriko ruragerageza kwihangira imirimo no gukoresha neza uturyo duke rufise. Bamwe bariko baramenyekana mu budandaji, mu buhinga bwa none, mu kurima kijambere no mu bindi bikorwa vyinjiza amafaranga.

Ivyo vyerekana ko naho inzira ikiri ndende, urwaruka rufise uruhara runini mu guteza imbere igihugu igihe rwaronse uburyo, ubumenyi n’ugushigikirwa.

Ubushomeri mu rwaruka si ikibazo coroshe, ariko kandi si ikibazo kitagira umuti. Bisaba ko amashure atanga ubumenyi bujanye n’isoko ry’akazi, urwaruka rukagira umutima wo kwitangira imigambi, hamwe n’igihugu n’abikorera utwabo bakongera amahirwe y’akazi.

Urwaruka niyo nguvu y’ejo hazoza h’Uburundi. Iyo rushigikiwe kandi rugakoresha neza ubushobozi bwarwo, rushobora guhindura ubuzima bwabwo n’ubw’igihugu cose.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE