Umukuru w’igihugu cu Burundi Evariste Ndayishimiye yasavye ko inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isubirwamwo kugira Afrika ironke ubuserukizi budahoraho gusa ahubwo bwama bujanye n’ubwinshi bw’abanyagihugu bayo.
Ivyo yabivugiye ku kibuga c’umupira w’amaguru Stade Intwari mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe Afrika kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 25 Rusama 2026.
Mwi jambo yashikirije mu rurimi rw’igifaransa, Perezida Ndayishimiye yavuze ati: “Afrika ntisaba gufashwa ,ahubwo isaba gufatwa cokimwe n’abandi , ubutungane n’ikibanza kibereye mu nzego zifata ingingo kw’isi yose.”
Si ubwa mbere abakuru b’ibihugu vya Afrika basaba ko uwo mugabane uhabwa ikibanza gihoraho mu nama y’umutekano ya ONU, ifata ingingo zikomeye ku bibazo vy’umutekano n’amahoro kw’isi.
Yabandanije kandi avuga ko atewe amakenga n’intambara, iterabwoba, urwanko rushingiye ku vyiyumviro hamwe n’amakuba abandanya gushikira abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vya Afrika.
Yagarutse kandi ku bibazo vy’abateshejwe izabo n’abana babura uburyo bwo kuja ku mashure kubera izo ntambara.
Yasozereye asaba ibihugu vya Afrika kurushiriza gukorana no gufatana mu nda mu guhangana n’iterabwoba rivugwa ko rikomeje gutera ubwoba muri uwo mu gabane.

























