Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Tunisia (FTF) ryafashe ingingo yo kwirukana umumenyereza mukuru w’umugwi w’igihugu, Sabri Lamouchi, inyuma y’amasaha makeyi gusa umugwi wiwe utsinzwe na Sweden ibitsindo 5 kuri 1 mu rukino rwa mbere rw’igikombe c’isi 2026 ruriko rurabera muri Amerika, Mexique na Canada.
Uko gutsindwa kwabaye ikintu gikomeye cane ku bakunzi b’umupira w’amaguru muri Tunisia, kuko umugwi wari winjiye muri iri higanwa ufise icizere co gukora neza. Ariko rero, umukino wa mbere wahishuye intege nke. Sweden yigaragaje nk’umugwi ukomeye cane itsindwa ibitsindo bitanu kuri kimwe ca Tunisia.
Sabri Lamouchi yari yagenwe muri Nzero 2026 kugira ngo asubirire Sami Trabelsi. Naho yari yateye umukono ku masezerano yo kumara imyaka ibiri n’igice, umusaruro wiwe ntiwashimishije. Mu nkino zitanu gusa yamaze atoza Tunisia, yashoboye gutsinda umukino umwe gusa, mu gihe yatsinzwe canke yanganyije izindi. Ikindi catumye igitutu kimwiyongerako ni uko Tunisia yari iherutse gutsindwa n’u Bubiligi ibitsindo 5 kuri 0 mu nkino zo kwitegurira Igikombe c’isi.
Inyuma yo gutsindwa na Sweden, abayobozi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Tunisia bakoze inama yihutirwa maze bemeza ko Lamouchi atagishobora kubandanya ayobora umugwi muri iri higanwa. Ivyo vyatumye aba umumenyereza wa mbere yirukanwe muri iki gikombe c’isi 2026.
Kugira ngo bagerageze gukiza amahirwe y’umugwi, Tunisia yaciye ishiraho umufaransa Hervé Renard. Uwo mumenyereza azwi cane muri Afrika kuko yigeze gutsindira igikombe ca Afrika ibihugu vya Zambia na Côte d’Ivoire. Yaranamenyekanye cane igihe yarongora Arabia Saoudite igatsinda Argentine mu gikombe c’isi ca 2022, kimwe mu bitangaje vyaranze iryo higanwa.
Hervé Renard ategerejwe gushika vuba aho umugwi wa Tunisia uri ubu kugira atangure akazi ko gutegura umukino ukurikira uzobahuza n’Ubuyapani. Uwo mukino ufatwa nk’uw’akamaro kanini kuri Tunisia.
Naho abakunzi benshi b’umupira muri Tunisia bababajwe n’ukuntu umugwi watanguye nabi ihiganwa, barizera ko uku guhindura umumenyereza gushobora kuzana impinduka nziza no gusubiza icizere mu mugwi mu nkino zisigaye zo mu murwi F.

























