EntertainmenthomepageJusticeKirundi

Bimwe mu vyaha Chris Brown yagirizwa, vyakuweho

Umuririmvyi w’umunyamerika Chris Brown yemeye icaha co guteza uruhara mu kugwana (affray) mu rubanza rujanye n’icaha co gutera umuhinyanyuzi w’umuziki mu bunywero buri mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, hari mu mwaka w’2023.

Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 24 Mukakaro 2026, Chris Brown w’imyaka 37, hamwe n’uwo bareganwa Omololu Akinlolu w’imyaka 40, babwiye sentare ya Southwark i Londres ko bemeye ico caha.

Ni urubanza rwerekeye ikibazo cabereye mu kabare ka Tape i Londres muri Ruhuhuma 2023, aho Chris Brown yahungabanije umuhinyanyuzi w’umuziki Abraham Diaw. Abashikirizamanza bari bavuze ko uwo muririmvyi yakoze “igitero” kitari citezwe, bakavuga ko yakoresheje icupa rya tequila muri ico gikorwa.

Mu ntango, Chris Brown na Omololu Akinlolu bari barezwe ivyaha bikomeye birimwo kugerageza gukomeretsa umuntu bikomeye hamwe n’igitero catumye umwe mubari aho akomereka. Ivyo birego bari barabihakanye kandi urubanza rwari rutegerezwa gutangura muri Gitugutu 2026.

Ariko inyuma y’uko bemeye icaha co guteza umudugararo, abashikirizamanza bavuze ko ivyo birego bindi bikomeye bitazobandanya kuburanwako.

Chris Brown yaheruka gufatwa muri Rusama 2025 amaze gusubira mu Bwongereza ku ncuro ya mbere kuva ico kibazo kiba. Mu nyuma yararekuwe ku ngwati y’amapawundi imiliyoni 5 z’abongereza kugira abashe kubandanya ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Sentare izosubira kwumva uru rubanza kuwa 26 Gitugutu 2026.

Amaze kuva muri sentare, Chris Brown yakiriwe n’abakunzi biwe bari hanze ya sentare, bamwe baririmba bati “Breezy! Breezy!”, aca atera umukono ku masanamu y’abamushigikiye.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE