AfriqueEast African CommunityhomepageJusticeKirundi

Kenya: Uwahoze aramutswa intara ya Migori yagiriwe n’icaha c’ubwicanyi

Sentare nkuru ya Milimani iri Nairobi, umurwa mukuru w’igihugu ca kenya yagirije kuri uno wa 24 mukakaro 2026, uwahoze ari buramatari w’intara ya Migori, Zachary Okoth Obado, icaha c’ukwica Sharon Otieno, yari umunyeshure muri kaminuza bivugwa kandi ko bahoze bakundana.

Muri urwo rubanza rwakurikiwe cane n’abanyagihugu ba Kenya kandi rwaciye rwerekanwa ku mboneshakure zitandukanye zo muri ico gihugu. Sentare yemeje kandi ko uwahoze ari umufasha wa Obado, Michael Oyamo, hamwe n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’Intara ya Migori, Caspal Obiero, ko bose bagize uruhara muri ubwo bwicanyi.

Mu gusoma urubanza rwaciwe na sentare umucamanza Cecilia Githua yavuze ko sentare yashoboye gushikiriza ivyemezo bikwiye vyerekana ko abo bagabo batatu bakoze ico caha. Yaciye atangaza ko umwe wese muri bo agiriwe n’icaha c’ubwicanyi.

Nk’uko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyabishikirije, umucamanza yavuze kandi ko ivyegeranyo vyatanzwe mu rubanza vyerekanye ko Obado yari afise imvo yo kwipfuza ko Sharon Otieno yicwa, kandi ko ari we yateguye umugambi wo kumwica.

Inyuma y’ico cemezo, sentare yategetse ko Obado hamwe n’abo bareganwa babiri babandanya bapfunzwe mu gihe barindiriye ko urubanza rwabo rusomwa igihano bazofatirwa.

Umushingwamanza yaserukira umuryango wa Sharon Otieno yavuze ko banyuzwe n’ico cemezo ca sentare, ashimangira ko umuryango wiwe umaze imyaka urindiriye ubutungane, kandi ko wumva ubu bwatanguye kuboneka.

Sharon Otieno yari afise imyaka 26 igihe yicwa mu mwaka wa 2018. Yari umunyeshure muri kaminuza kandi yari yibungenze. Bivugwa ko yabanje kunyuruzwa imbere y’uko yicwa. Ikiziga ciwe catowe mu gihuru hafi y’agasagara ka Oyugis, mu burengero bwa Kenya.

Raporo y’abaganga bakoze isuzuma ry’ikiziga ciwe yerekanye ko ashobora kuba yarafashwe ku nguvu imbere y’uko aterwa ivyuma incuro umunani mw’izosi, mu nda no mu mugongo. Iyo raporo yongeye kwerekana ko umwana yari yibungenze na we yapfiriye mu nda.

Kuva aho ubwo bwicanyi bubereye, urwo rubanza rwabaye rumwe mu zakurikiwe cane muri Kenya. Abantu benshi, amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi hamwe n’abaharanira ubutungane baguma bakurikirana ingene rwaburanishwa, bavuga ko rwari ikigeragezo ku butungane bwa Kenya mu guhana ivyaha vy’ubwicanyi bukorerwa abakenyezi.

Ico cemezo ca sentare gifatwa nk’intambwe ikomeye mu gushira ahabona ukuri kuri ubwo bwicanyi bwateye umubabaro mwinshi mu gihugu no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE