Mu ntumbero yo gukomeza umutekano mu masoko no gukinga imiriro imaze iminsi yibonekeza, Buramatari w’Intara ya Bujumbura, Aloys Ndayikengurukiye, yarakoranije kuri uyu wa 27 Mukakaro 2026 abarongoye amakomine agize iyo ntara, abarongoye amasoko, abajejwe umutekano hamwe n’abaserukira abadandaza. Iyo nama yabereye ku cicaro c’intara ya Bujumbura, hafatirwamwo ingingo zitari nke zigamije gukingira amasoko n’abenegihugu.
Mu ngingo zafashwe, harimwo iyo gukuraho vuba utuzu twose twubatswe mu nzira zitegekanirijwe gucamwo imodoka zizimya umuriro, kuko tubangamira ubutabazi mu gihe habaye isanganya.
Buramatari Aloys Ndayikengurukiye yasavye kandi ko abadandaza bose bogira utwuma two kuzimya umuriro (extincteur) mu nzu zabo z’ubudandarizo. Yongeye amenyesha ko uburongozi bw’intara bwiteguriye gushira ibikoresho nk’ivyo ahantu hatandukanye mu masoko kugira vyorohereze ubutabazi.
Kubera ikibazo c’ukubura amazi yo kuzimya umuriro, #REGIDESO yasabwe gushira amazi hafi y’amasoko kugira ngo imodoka zizimya umuriro zishobore kuyaronka bitagoranye igihe cose bikenewe.
Iyo nama kandi yafashe ingingo yo gusubiza mu bikorwa amapompo y’amazi indwi asanzwe ari mu masoko ariko atagikora, hamwe no gutegura inyigisho zizofasha abazoyakoresha kuyakoresha neza.
Abadandaza basabwe kwegera amashirahamwe y’ubwishingizi kugira bikingire ibidandazwa vyabo, mu gihe amakomine na yo yasabwe gushira mu bwishingizi inyubakwa z’amasoko.
Mu rwego rwo kugabanya ingorane z’imiriro, hasabwe ko utuzu tw’imbaho dusubirizwa n’utw’ivyuma. Hafashwe kandi ingingo yo gusubizaho ibikorwa vya komite zifashanya gucungera umutekano, kugira zikomeze gukurikirana no gukinga ivyohungabanya umutekano, hamwe no kwubahiriza amasaha yo kwugurura no kwugara amasoko.
Mu kurangiza iyo ma, Buramatari #Aloys Ndayikengurukiye yasavye abari bayitavye gushira mu ngiro ata gucereza ingingo zose zafashwe, kugira amasoko akingirwe neza, n’umutekano w’abanyagihugu urushirize gukomera.
























