BurundiEconomiehomepageKirundi

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura barabaza iyo amafaranga ava mu butare aja

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko gushika ubu ataco bazi kubijanye n’akunguko kamaze kuva mu butare haheze igihe bwaratanguye gucukurwa mu bice bitandukanye vy’igihugu. Ariko ico bemeza n’uko bazi ko hari ubumaze gucukurwa bukanashorwa.

Abo banyagihugu bavuga ko bazi ko hari ubutare bumaze igihe buriko buracukurwa, ariko ko batazi ico icukurwa hamwe n’ishorwa rya bwo bimaze kumara.

Jewe inyungu ntayo nzi ngo ni iyi yavuye mu butare kubera ko, ubwa mbere narumvise ko bagomba babushore kugira bizanire inyungu abanyagihugu mugabo nk’ubu batagarutse ngo batubwire amafaranga yashoboye kwinjira ariko akora mw’iki ntiduheza ngo dutomokerwe neza ico ariko arakora“, niko umwe mu banyagihugu bo muri ico gisagara yigana.

Icukurwa n’ishorwa ry’ubutare ni kimwe mu vyo Reta y’u Burundi haheze igihe ibwira abarundi ko ari inyishu ku bibazo vy’ubutunzi nk’ikena ry’ibitoro, ukuduga kw’ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa  n’ibura ry’amafranga mva makungu.

Ariko abo banyagihugu babona ko gushika ubu ivyo bibazo bicibonekeza n’ubwo hari ubutare bumaze gushorwa.

Nk’ubu ibintu mbona biguma bizimvye, ntanakimwe mbona kirakoroka nico gituma mbona ata kunguko kw’ishorwa ry’ubwo butare”, niko uwundi munyagihugu avuga.

Kubwabo, ihinduka ry’ibiciro vy’ibidandazwa ni kimwe mu bimenyetso vyategerezwa kwerekana koko ko hari ubutare bumaze gushorwa.

Ibintu vyinshi hagukoroka ibiciro vyabandanije bizimba. Jewe mbona ko amafaranga ava mubutare aramutse aboneka, yari akwiye gufasha ko abantu batobato dusubira kuronka ibifungurwa kubiciro nk’uko vyari biri kera”, nk’uko uwundi munyagihugu abivuga.

Muntango za Kigarama 2025, umukuru w’igihugu c’u Buurundi Evariste Ndayishimiye yatangaje ku mugaragaro ko hatangujwe isekeza ryo gushora mu makungu ubutare butandukanye.

Ico gihe harungitswe ubutare bwo mubwoko bwa Améthyste na Quartz bungana toni 260.

Mu mpera z’uko kwezi nyene, hakurikiye ishorwa ry’uwundi mwimbu w’ubutare bwo mubwoko butandukanye harimwo wolframite,coltan na cassitérite bungana na toni 175.

Ntihatangajwe Ku mugaragaro agaciro k’amafranga yavuye muri ubwo butare.

Iyo ubutare bwashowe baba bakwiye kutubwira bati amafaranga yavuyemwo yakoreshejwe iki“, nico bamwe muri abo banyagihugu basaba.

Mu ntango z’ino ndwi turimwo, ubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo ubutare bwatangaje ko hashowe ubutare burenga amatoni igihumbi na miringo itatu na bitanu (1.035 tones). Umushikiranganji Hassan Kibeya yavuze kandi ko hagiye kubandanya haronderwa ahandi hari ubutare mu mihingo itandukanye y’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE