A la UnehomepageKirundiSociété

Ntega : Abanyagihugu bafise ubwoba bw’inzara kubera imvura yatevye kurwa nayo amazi munzuzi akaba yarakamye

Abanyagihugu bo muri zone Ntega commune Kirundo intara ya Butaneyerera bavuga ko batewe impungenge nuko imvura yatevye gutasura Kandi amazi mumyonga yarakamye ,ivyatumye ibiterwa vyo mumyonga vyuma. Bafise ubwoba bwo guterwa n’inzara nayo ibiciro vy’ibifungurwa bikabandanya kuduga kumurindi munini kumasoko.

Abanyagihugu bo muri iyo zone bavuga ko izuba ryatse muri kino gihe ryatumye n’imirima yo mumwonga nayo yuma.
« kubintu bijanye n’ivy’uburimyi, ubu hari ikibazo cuko atamvura ihari, mumyonga abarimye imiceri ,yose yarumye kubera amazi yarakamye », niko umwe muri abo banyaguhugu avuga.
Kubera uko gukama kw’inzuzi , abo barimyi bashikiriza ko ivyo vyatumye bitanashoboboka ko bavomera imirima yabo.
«Twari twavomeye,ariko imyonga yarakamye,yarakamye rwose,abari barimye ibigori,ibiraya,umuceri, muri ivyo ibitarononekara cene ni umuceri .Wo nka hamwe imvura yorwa woagruka, ariko ibigori n’ibiraya vyaramaze kwononekara », niko uwundi murimyi yigana.
Kubw’ivyo abo banyagihugu bavuga ko batinya ko hashobora kwaduka inzara nko muri kahise , nayo ibiciro vyibifungurwa kw’isoko bikabandanya kuduga cane , bafatiye kubiciro bimwe bigezeko muri kino gihe.

« Turafise ubwoba kubera ko ibintu biguma biduga kumwanya kumwanya,kuko nkubu ibiharage bigeze kumafaranga ibihumbi bitanu, bitera bija kubihumbi indwi . Dufise amakenga rero yuko dushobora kubura ivyo dufungura », niko babandanya bavuga.
Mundwi iheze ariko, imvura nkeya yaguye aho ku Ntega, yatumye bamwe mubanyagihugu bagira icizere ko yoba igiye gutasura, nubwo ataco yoba igikiza kuri bimwe muri ivyo biterwa vyo myonga.

Muri Ruhuhuma 2025, abategetsi muyahoze ari intara ya Kirundo batangaje ko imiryango irenga ibihumbi 22 ariyo yari yakozweko n’ingaruka ziturutse kuruzuba mukubura umwimbu kubiterwa bitandukanye, aho nko muri commune Bugabira yonyne havugwa imiryango irenga ibihumbi 11.
Ico gihe umukuru w’igihugu yari yagiye aho i Bugabira ashiriye abanyagihugu imfashanyo igizwe n’ibifungura, aho yanahamagariye abanyagihugu kubungabunga neza umwimbu baronka.

Journaliste reporteur , fact-checker, créateur de contenus, responsable des réseaux sociaux à la Radio Indundi Culture, et contributeur wikimedien

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE