IBISOKOZO
Sokwe——–Soma
Abana banje bazi gucuraranga bose
Imirya y’inanga
Abagabo barara bahagaze bakirirwa bahagaze
Inkingi z’inzu
Abagabo barara bahagaze bwaca bakaryama
Imyugariro
Ivyiza biva kuzimu vyambaye inyerere bigacambirwa n’Abamikazi
Amateke
Tubana tutava aho turi ariko ntitwigera turamukanya
Amabere y’umugore/ umukobwa
Inkombe z’uruzi
Aho turi ku mbuga tungana twese
Ifundi
Ubugabo buva hasi nokuriza ndi muto
Isusa
Ikiboroza
Igisuru
Aho Jabwe na Soro barwaniye nubu ni inkumbagare
Ubuhanza
Ndi mugiraneza muvyara w’urupfu
Itiro
Nkubise inyuma y’urugo nza ndatwenga
Ikigori mu minwe
Karahara mu ruganda ntibacura
Inyundo
Urusenge rwanje rwuzuye inzahabu naho woraramwo ntiwoziharura
Ijuru n’inyenyeri
Kajuju ka Ntimba kiyereka aho katatumiwe
Akanyugunyugu
Dukumburanye tubana
Amabere
Tubana dutinyana
Umuriro n’amazi
Umwijima n’umuriro
Umwijima n’umuco
Ndatambatamba ntazi iyo nja nkavuna inzara
Uruyuzi
Dusa tudasa
Intore n’intobotobo
Ntugire ubwoba ndasamye ariko sindyana
Umuryango w’inzu itugaye
Fata isuka mfate iyindi tuje kwimba ico tutabona
Umuzi w’ibuye
Nasezeye umusezero kera kuri Cambarantama nubu nturasezuruka
Ubwoya bw’inka
Aha ngo fye, hirya no hino ngo fye fye. Ngo twa
Imiravyo n’umuturagaro
Iyi nzira njanye, idashitse abanje barahera
Inzira ija mu kigega
Akana kanje kokuriza ari gato
Akanyarirajisho
Abeza bahetse n’ubusage ku mutwe
Umurima w’ibigori uhetse
Ntaco umfyurira amaso sindaguha
Imyenge y’inzu
Mvuye kwikura Bushoro aca anyoma amaguru inyuma
Umunyota
Ico utazi utabonye
Ubukumi bwa nyoko
Ubusore bwa so
Ubugeni bwa so na nyoko
Nsha umugongo simpunge
Urusenge
Iyo tuva turyoha duhambwe
Imihwi
Aha turi havuyemwo umwe mwese muraburara
Amashiga
Bwenge bw’aha bwogutana
Wotambika urucaca kuruzi ukajabuka
Agafyiri gakamwa ayera
Inzoka igenda itagira amaguru
Inkoko icutsa itonkeje
Umurwa ukuka amazi niwawumenya nguhere
Umukenke
Umugozi utekera amazi niwawumenya nguhere.
Ifu
Ehe urya musozi wishika ibikanu.
Abahizi.
Narajishe inkoko none sindayirirako.
Agasongero.
Hano dufise impindu twese.
Imirizo y’imbeba.
Nyoko yambara ibiheko vyinshi nkeka aroga.
Umutobotobo.
Ndarwaje.
Inzara mu bana.
Ngo tuje kugarura Rugamba irambutse.
Ikinyugunyugu.
Narungitse umwana kurahura none n’ubu ntaraza.
Umwotsi.
Kubita binati ntiyota arasara.
Urubumbiro.
Nyegera nyegera bana banje turashize.
Uburo mu ngasiro.
Bugingo bwa none bwogutana.
Wotekera amazi mu rukangaga?
Karahinda iduri.
Akato mu mpange.
Tora akato ntore akandi tuje kuvoma ico tutari bubone.
Amaganga y’inkoko.
Ndi mugufi nkaba mu rwanje.
Igicaniro
Wigera mu Barembe wari umurembe?
Impene mu ntama
Abo kwa Ruringaniza bambariye imiringa mu kuzimu.
Ibijumbu.
Abana banje bakubita ibiganza hirya no hino.
Imitwe y’inzuzi.
Mbe nyoku ko useye bwinshi urarirwa na bande?
Itimbi ry’ifuku.
Gira so katamobwa.
Agahanga k’imbwa.
Urabona ngo bitugu vya sogokuru ngo ansimbira urugo?
Ikivumvuri.
Aha twese turariye umwe.
Inkono ku ziko.
Ikiri kure kirya abari n’amaguru.
Ikigazi
Umunani mabi
Amabere y’imbwa
Ane meza
Amabere y’inka
Batatu badatana mu ndagano
Amashiga
Ndahamanuka sindahaduga
Amazi
Ndara ndagenda, nkirirwa ndagenda
Uruzi
Mvuye guta nyokuru agaruka ankurikira
Umwavu
Kararengera
Akotsi k’abungere
Karadundega
Akana kaja iwabo
Mpa utwo mbona
Utuboga ku menyo
Ndavye hejuru ndanungwanungwa
Umuhwi
Ngenda mfoye ariko sindekura
Amabere y’inkumi ataragwa