Umurindi wo kwicira ibiti kugira haboneke isi ndimwa urateye impungenge bamwe mu bakenguzamateka.Abakenguzamateka bakavuga ko n’amashamba cimeza nayo adasigaye inyuma .Abakenguzamateka basanga hofatwa ingingo zotuma uwusituye ibiti wes aca atera atera ibiti bibana n’indimo.Ubushikiranaganji bw’uburimyi buremeza ko ibiti bicibwa ku murindi uri hejuru ariko bugahumuriza ko hari umugambi wo kugwiza imivyaro y’ibiti vy’ivyamwa.
Umurindi ibiti bicibwako hagamijwe kwagura Amasi arimwa biri mu biraje abakenguzamateka,aha umukenguzamateka François Ninteretse akagira ati hari ibitara biriko biracibwa Ku bwinshi gutyo akabano ko hari ikibwirizwa gukorwa .
N’umukenguzamateka ,Gad Niyukuri asanga aha kandi n’amashamba cimeza abangamiwe ,mbere agatanga n’uturorero ya Rukambazi muri komine Vugizo,ishamba kama rya Vyanda,hamwe n’ishamba rya Ramvya muri komine Kibago .Gad Niyukuri , umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Makamba asaba ko hoba amahimiriza.
Umushikirangaji w’uburimyi Prosper Dodiko ntahakana ko amashamba abangamiwe ,akavuga ko hari umugambi wokurwiza ibiti bibana b’indimo yamara akemeza ko gushika ubu uburyo buhari budakwiye.
Mukugira igihugu gihangane n’ihindagurika ry’ibihe biciye mu gukingira ibidukikije kikaba cari catanguje umugambi wongutera ibiti mu mwaka wa 2018 “Ewe Burundi urambaye” ,yamara n’aha abakenguzamateka bakavuga ko hakiri agahaze kuko gushika Ubu ata bitara biboneka vyatewe muri uyo mugambi .