Haraheze ikiringo kirenga umwaka amabarabara y’igihugu nomero 13 na 21 yose aca mu ntara ya Cankuzo yononekaye gusumba ukwo yahora kuko ibiraro vyabomotse bitarashobora gusanurwa, ivyo bigatera amakenga ko bishobora kugwiza amasanganya nkuko bishikirizwa n’abunguruza abantu n’ibintu muri iyo ntara.
Abakorera muri ayo mabarabara bidoga ko imirimo yabo n’ingendeshwa zabo biriko birononekara ahanini biturutse ko amabarabara atariko arakorwa kuko bidakunda ko barengana bivanye naho ibarabara ryacikiye,inkukura iva ku mitumba ihanamye nayo ikaza isongera isibe.Akarorero n’ibarabara rya Cankuzo-Gasenyi riri ku birometero 37 uva ku mugwa mukuru w’intara ya Cankuzo ku mutumba Gitwenge ahitwa Kavumu ibarabara ntirigikora.
Abo banyagihugu bakorera muri iryo barabara bagasaba ishirahamwe rijejwe inyubako ARB ryokora ibishoboka vyose kugira ayo mabarabara akorwe.
Umwe mubanyagihugu agira ati:” urugendo twahora dukora isaha imwe ubu turugendamwo amasaha ane kubera amabuye n’ibinogo vyuzuye amabarabara .”
Ni mugihe abacisha ibidadazwa mw’ibarabara ry’igihugu rya 21 Cankuzo-Gahumo-Mishiha bavuga ko babanza ku bipakurura bakabiha abavyikorera ku mutw,ikitibagiwe co niyo hagize uwugwara kuko ataronka ingene ashikanwa kwa muganga maze bikavamwo kwitaba Imana nkuko bivugwa n’umunyagihugu N.C asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu.
Uburongozi bw’intara ya Cankuzo buvugako ikigo c’igihugu kijejwe amabarabara cari catanguye gusanura ibice bimwe bimwe vyayo mabarabara mu gihe c’agatasi hari mu mwaka wa 2023 arikoko ivyo bikorwa vyahagaze kubera kibazo c’ubukene bw’igitoro bwibonekeza mu gihugu.
Buramatari wa Cankuzo Boniface Banyiyezako aremeza ko ikibazo c’amabarabara muri iyo ntara kihari,akagira ati:”inguvu z’abanyagihugu mu gusanura ayo mabarabara ntaho zigeza kuko amabarabara yose yo mu ntara ya Cankuzo yononekaye,ibiraro bigatwagwa.”
Ubwo burongozi bugasaba reta hamwe n’ikigo kijejwe kwubaka amabarabara ARB kugira ico bakoze kugira ayo mabarabara asanurwe.