EntertainmentKirundiMusic

Indirimbo “Yasa n’irirenga” ya Bahaga  izananye akandi kanovera

Umuririmvyi akomoka mu gihugu c’u Rwanda Kitoko ubu abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza yasohoye ubushasha indirimbo “Yasa n’irirenga” yaririmbwe n’umuririmvyi w’inararibonye Burikukiye Prosper azwi kw’izina rya Bahaga.Bahaga avuga ko ataco yasavye Kitoko imbere yokumwemerera ko ayisubiramwo.

“Yasa n’irirenga n’indirimbo yasohotse ubwa mbere mu mwaka wa 1988, akanovera kayo ntikigeze gahera gushika aho isubirwamwo n’abaririmvyi nka Mt Number one mu mwaka wa 2017,n’abanyamahaganga nabo bati umuziki w’Uburundi wubahwe aho  ivuzwa cane mu bunywero.

Iyo ndirimbo ya Burikukiye Prosper yasubiye gukundwa kandi n’umuririmvyi akomoka mu gihugu c’u Rwanda azwi kw’izina rya Kitoko ubu abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza.Indirimbo yasubiwemwo na Kitoko ikaba yasohotse kuri uyu wa gatan15 Munyonyo 2024 aho yayihinduriye izina ayita “Tiro”.

Bahaga agira ati:”baciy k’umugenzi wanje baransavye ko uwo muririmvyi Kitoko nomwemerera akayisubiramwo kuko ngo ayikunda,nanje nitegereje ubuntu n’ubwitonzi yabinsabanye nti ntacotuma ndamubuza kuyiririmba ataco ndamusavye”.

Iyo ndirimbo ibandanya gukundwa kandi mu gihe kamwe mu gace k’umudiho wayo  kigeze gukoreshwa n’umuririmvyikazi Rihanna akomoka mu gihugu ca Amerika  mu ndirimbo yiwe yitwa “Lift me up” atabifitiye uruhusha,bikaba bitanezereye nyene Indirimbo ariwe Bahaga aho n’ubu ataka kugira atunganirizwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE