DiasporaKirundi

Amerika: Haratanzwe impamyabushobozi ku bavyeyi n’abana baronkejwe inyigisho

Ishirahamwe BAAHO rihurikiyemwo abarundi baba muri reta ya Arizona muri Reta Zunzubumwe za Amerika ryaratanze impamyabushobozi ku bavyeyi n’abana baba muri ico gihugu rifatanije na kaminuza ya Arizona.

Izo mpamyabushobozi zatanzwe inyuma y’inyigisho zahawe abavyeyi n’abana mu ntumbero y’uko bashobora gufasha neza abana babo gukurikira ivyirwa vya kaminuza cane cane abari mu bisata vy’ubuhinga “sciences”‘ nk’uko bisigurwa na Julie Ngiriye umwe mu batunganije izo nyigisho. “zizofasha abavyeyi n’abana kwitegurira kaminuza cane cane mu nzego zo kwiga ubumenyi bw’ubuhinga kaminuza bwa none”

Iciyumviro gisa n’igishimangirwa n’umwe mu bagize inama nyobozi Jeanne Nizigiyimana “uru rupapuro rurahambaye kuko nasanze handitseko ko nshobora kubandaniriza ivyigwa mw’ikoreji…”

Izo nyigisho zatanzwe zirashimisha abavyeyi kuko bemeza ko batahuye intunganyo y’ivyigwa muri Amerika nk’uko bishingirwa intahe na Élois Muhirwa “twatahukiwe neza twabonye uko bimeze ubu turashobora guhanura abana bacu kuko ubwa mbere tuvugishije ukuri ntavyinshi twari tuzi”

Aurianna Aubry Muhirwa umwana yaronkejwe inyigisho n’akanyamuneza ati ubu ndazi ico nshaka kuba mu buzima.”sinarinzi ivyigwa nzokurikira sinarinzi ico noba muri kazoza ariko ubu ndazi ico nshaka kuba nk’ivyo nokwiga kugira ndabishikeko”

Ku bw’izo nyigisho y’abavyeyi baeifatiye ingingo yo gusubira kwiga.”igitangaje n’uko twasanze na twe tubikeneye ahubwo na twe twumva ko twosubira kw’ishure”

Abo bavyeyi n’abana bose bahimiriza abandi bavyeyi n’abana kwiga.”ndahamagariye abavyeyi bose nabo. Bige ” “nobarira urundi rwaruka ngo ruze kwiga kuko birahambaye.twararonse uburorero bwababishoboye biradutera intege na twe  tuzobishobora.”

Na Julie Ngiriye aratera  intege n’abavyeyi kuko bitaraba imyaka uwuvyifuza wese bamwakira.”n’ubu si kera  ino nta myaka baraba yo kwiga igihe cose ushaka kwiga uriga”

Umwe mubavyeyi yaronkejwe izo nyigisho avuga ko ikindi bungutse ari kumenya ingene baronka uburyo bwo kurihira abana babo ku mashure ” ico batahuye ni ukumenya aho amafaranga yo kwiga y’abana ashobora kuva bitagoranye”

Muri izo nyigisho zimaze imyaka 4 zitangwa, abarenga 200 akaba aribo baronkejwe impamyabushobozi .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE