K’umutumba Gihungwe, zone Gihanga intara ya Bubanza kizigenza w’ Intamba mu Rugamba Nsabiyumva Frédéric batazira Feré yaratanze ifashanyo ku miryango irenga mirongo 50 ya bantahonikora yongera asangira NOWERI n’abana, atako afasha abakinyi b’umupira w’amaguru baho mu kubaha ibahasha ,igikombe ,imipira hamwe n’imyambaro.
Ivyo bikogwa vy’urukundo Fere akaba yabikoze kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 23 Kigarama umwaka w’2024.
Imbere yuko atanga imfashanyo Nsabiyumva Frédéric yabanje guca mu miryango itandukanye y’abatishoboye kugira y’umviriza ibibazo bafise hamwe nivyo basabako bofashwa, aho ahanani imiryango nka yose yasaba ivyo gufungura n’ingorane zo kutaronka uburyo bwokwivuza, hamwe no kutagira amatongo borimamwo ivyogufungura.
Inyuma yaho yaciye yerekeza ahari hateguwe kuberamwo urukino rwahuje umurwi wa Dynamic FC na Terre I.
Urwo rukino rukaba rwarangiye umurwi Dynamic Fc ariwo utsinze ibitsindo (3-1) c’umurwi Terre I.
Inyuma y’urwo rukino kizigenza w’ Intamba mu Rugamba Nsabiyumva Frédéric yatanze impanuro abicishije mu butumwa bw’ijambo ry’Imana kuri iyo miryango abasabako bokwiyegereza Imana muri vyose na hose, nayo urwaruka arusabako rwo kwizera Imana gusumba ibintazi.
Ivyo akabivuga yitangako akarorera ko yigeze kugira imvune ari muri Afrika y’epfo, arivuza biranka ko akira, yiruka mu bapfumu biranka, niko guca atumbera Imana, nayo iramukiza yongera imushikana gukina mu gihugu ca Suède mu cicaro ca mbere.
Akaba yatanze imfashanyo igizwe n’ibifungurwa, ibinyobwa, impuzu hamwe n’ibirato.Imipira yo gukina hamwe n’umwambaro wo gukinana umupira w’amaguru abicishije mu kigo ciwe yise Frédéric Nsabiyumva Foundation.
Mwomenya kandi ko abicishije muri ico kigo ciwe umuryango wa Frédéric Nsabiyumva waciye usangira n’abana baho kuri uwo mutumba mu kubipfuriza umusi mukuru wa NOWERI.Ikindi akaba yagiye yemereye imiryango yaho ko imfashanyo yiwe itagarukiye aho ahubwo ko azogaruka ikindi gihe.