DivertissementEntertainmentKirundi

Kubijanye n’ukuririmba, umuririmvyi wese aba afise uruhande ahagazemwo

Umuririmvyi w’umurundi Gaël Manirampa aririmba akoresheje umudiho wa Raggaae avugako umurasita arangwa n’urukundo akarangwa n’ubutungane.Uyo muririmvyi aririmba mu rurimi rw’icongereza aranavuga ko ubutumwa atanga Atari ubw’ abarundi gusa gusa kuko aba ashaka ko bushika kure.

Ari umutumire mu kiganiro Indundi hits show co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 03 nzero 2025 gica kuri radio Indundi Culture, umuririmvyi w’umurundi Gaël Manirampa amenyesha ko mu mwaka wa 2024 yakoze ibiteramo bishika kuri 5 muntara zitandukanye  agashimira abamufashije mukumenyekanisha indirimbo ziwe akanashimira cane cane umuririmvyi Vichou love kwari mubamufashe ukuboko ,

Gaël Manirampa abonako igituma umudiho wa Raggae uhagarara aruko benshi mubakoresha uwo mudiho usanga badashoboye kwandika umuziki ngo bashiremwo n’ubutumwa hamwe n’umuhamagaro.Gael yizeza ko azokora uko ashoboye kose kugira ashimishe abakunzi biwe.

Uyo muririmvyi asaba abandi baririmvyi kureka kuza bara rabira kubandi kuko bituma batakaza akabirya kabo (orginalite) ,nk’indirimbo zimaze imisi zisohoka yama asanga bagenda biba ingoma (ama mélodies) y”izindi ndirimbo zabandi,kwakurabira kubandi cane kuratuma batakara muri music yo mu Burundi usohotse uno munsi ugaca wumviriza umuziki wasohoze guhera 2010 gushika muri 2024 uwakera niwo mwiza cane kuko ata kuraba ivyabandi  (copier – coller ) bagira cane.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE