DiasporaEntertainmentKirundiSociété

Calfornia:Mbega amajambo Nikki Glaser yavuze niyo yoba yatumye umuriro utongora Los Angeles?

Muri reta zunze ubumwe za America mu gisagara c’i Los Angeles muri leta ya Calfornia,umuriro gushika n’ubu uracarandagata ivyaho harimwo n’amazu y’ibihangange mu mumuziki wa America,gushika ubu hakaba hataraboneka icozimya uwo muriro.

 

K’umusi wa gatanu ingenekerezo rya rya 3 nzero umwaka wa 2025 niho mu gisagara c’i Los Angeles muri leta ya Calfornia aho ni muri reta zunze ubwumwe za amerika hariko haratangwa ubushimwe ku bakinyi b’amareresi canke abaririmvyi bitwaye neza mu mwaka wa 2024 ku ncuro ya 82 nkuko vyama biba mu kwezi kwa mbere gutangurira umwaka mu birori bise Golden Globes Awards.

Muri ivyo birori hari hasanzwe hari uwuteramisha abantu nkuko vyama biba mu misi mikuru iba ikoraniyemwo n’abantu benshi,Nikki Glaser asanzwe afise impano yo gutwenza abantu niwe yariko arateramisha abantu,hamaze gutangwa ubushimwe ku bakinyi b’amareresi(film)bambere,niho abo bakinyi bashimira ababafashije mu bikorwa vyabo, abo bakinanye muma film, abavyeyi babo,n’abandi…

Maze Nikki Glaser amaze gusubira kw’ijambo ryo guteramisha abantu niho yavuga mu majambo yiwe ko abantu bose bahawe ubushimwe bashimiye ababo babafashije ariko ataho bigeze bavuga ko bashimira Imana, niho kuvuga ati:”abantu bose bahawe ubushimwe bavuze amajambo akomeye cane bashimira ababafashije ndetse n’abavyeyi babo , ariko Imana yitwa ngo n’umuremyi w’iyi isi yaronse ubusa, ntanumwe yayishimiye,n’ubundi ntagitangaje kirimwo muri uyu muji utagira Imana canke utemera Imana.”

Mw’ijoro ryo k’umusi wa kabiri igenekerezo rya 07 nzero umwaka wa 2025 umuriro uba uratanguye kurandagata gisagara ca Los Angeles, abenshi bakibaza ko coba ari igihano Imana yoba yarungitse kuri ico gisagara bivuye ku majambo yo kuyikekeza yavugiwe mu birori vya Golden Globes awards.
Ibimaze kumenyakana ko vyononekaye bikaba bifise agaciro ka miliyaridi zirenga 130 z’amafaranga y’amadorari, harimwo amazu arenga 2000, abantu ibihumbi n’ibihumbi nabo bakaba barashoboye gukurwa mu mazu mu guhunga uwo muriro, ariko gushika ubu ikinyamakuru euronews kikamenyesha ko abantu bashika 24 aribo bamaze kumenyakana ko bahasize ubuzima.

Donald Trump arongoye Reta zunze ubumwe za Amerika avuga ko ico gisagara kiriko kirasha arico carimwo amazu menshi azimvye y’abagwizatunga ndetse ariho hava amakori menshi yinjira mu gikigega ca reta ya Calfornia ndetse no muri reta zunze ubumwe bwa amerika.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE