Bamwe mu barundi bakora urudandaza rutoruto mu gihugu ca kenya kuri uyu wa mbere ntibakoze iyo mirimo kugutinya guharikwa ninzego z’umutekano,inyuma yaho mu ndwi iheze umukuru w’ico gihugu William Ruto atanze itegeko ko abanyamahanga bose bakora urwo rudandaza baruhagarika kuva kuri uyu wamebere.Mundwi iheze, Uburundi bwiyamirije ihohoterwa rikorerwa abarundi muri ico gihugu, maze busaba uwuserukira Kenya hano muburundi gukora ibishoboka vyose kugira abarundi bari muri ico gihugu bakingirwe.
Kuri uyu wa wambere igenekerezo rya 07 Nyakanga 2026, niho abanyamahanga bose bakora urudanza rutoruto muri ico babwirizwa kuba baruhagaritse.
Abarundi bari muri ico gihugu barabwa n’iyo ngingo babwiye Radio Indundi Culture kuri uyu wambere ko biriwe imuhira, ko batagiye gucuruza ivyo basanzwe bacuruza kubera gutinya guhagarikwa n’igipolisi cico gihugu.
« Icuka si ciza, umunyamahanga wese aho ari ubu yinyegeje », niko umwe muri abo barundi adandaza ibirato yavuze.
Bamwe muri abo barundi bavuze ko ukuja mw’ibarabara uyu musi, vyonyene uri umunyamahanga kwoba ari nko kwiyahura, inyuma yitegeko ryatanzwe na presida william Ruto muntango zindwi iheze, ry’uko abanyamahanga bose bakora urwo rudandaza rutoruto baruhagarika.
« Sinoja mw’ibarabara uyu musi kwoba ari nko kwiyahura », niko uwundi murundi aba muri ico gihugu yavuze.
Amakuru ava aho muri kenya, avuga ko abashoboye kwugurura amaduka yabo , baguma bacungana kukajisho n’igiporisi abandi bakaba bahisemwo kwugara.
Ico abo barundi bari muri ico gihugu bemeza ariko nuko uwutari muri abo bakora urwo rudandazwa atakibazo na kimwe agira.
Kuwa gatandatu w’indwi iheze, ubushikiranganji bw’uburundi bujejwe imigenderanire bwasavye abarundi bari muri ico gihugu bipfuza gutaha kwiyandikisha kubuserukizi bw’uburundi muri ico gihugu kugira bahabwe urupapuro rw’inzira ‘’laisser-passer’’ ku buntu kugira bagaruke mu Burundi , guhera kuri uyu wambere. Ariko bamwe muri abo barundi bavuze ko batari kuja kuri ubwo buserukizi kuri uyu wambere.
Hagati aho,amashusho yashizwe kumbuga ngurukanabumenyi na bimwe mubinyamakuru vyo muri Kenya, vyerekanye abantu amajana batonze imbere y’ubwo buserukizi barondera urwo rupapuro, hamwe n’abandi benshi kubituro vy’imiduga nk’iyija mu Rwanda,Uganda na R.D. Congo.
Munama yihuse yatumweko n’umushikiranganji w’uburundi ajejwe imigenderanire Edourd Bizimana n’abasrukira ibihigu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC kuwa gatandatu w’indwi iheze, kugira bavugane cane cane kuri ico kibazo ca Kenya , umushikirangaji Bizimana yasavye uwuserukira Kenya hano mu Burundi Henry Wambuma ko kenya yokora ibishobka vyose kugira ubugizi bwa nabi harimwo ihohoterwa ndetse no gusahurwa ivyabo ko bihagarara.
Amabssadeur Wambuma yavuze ko agiye kubishikiriza abamukurira,ariko yibukije ko ingingo yatangajewe na president Ruto iaraba abanyamahanga bose.
























