Bamwe mu bavyeyi b’abana barereye kuri amwe mu mashure yo muri komine Ntahangwa mu Ntara ya Bujumbura basaba reta ko yoronsa intebe yemereye amashure mu mwaka w’ishure uheze. Basigura ko abana babo bize batorohewe. Bemeza ko hari abiga bicaye hasi kandi bakiga ari ibitigiri birenze aho wasanga mu kirasi kimwe abanyeshure bashobora kurenga 100. Bamenyesha ko vyabagize ko ingarukambi nko kuronka amanota adashimishije umwaka w’ishure uheze.
Abo bafise ico gisabo ni nk’abarereye kw’ishure shingiro rya Gasenyi riri muri zone Kamenge komine Ntahagwa intara ya Bujumbura. Bamenyesha ko umwaka w’ishure uheze w’2025 ushira 2026 abana bo mu mashure yo muri ico gice c’iyo ntara batorohewe mu bijanye n’ukwiga. Bavuga ko uko kwiga nabi vyavuye ahanini k’ubukene bw’intebe bwibonekeje hamwe n’ubwinshi bw’abanyeshure.
Nk’uko babishikiriza, ikirasi kimwe wasanga gishobora kwigamwo abana barenga 100. Bamwe wasanga bicaye hasi abagerageje kwicara ugasanga ku ntebe imwe abana bicaye ari 4 canke 5. Abo bavyeyi bavuga ko ivyo vyahejeje bigira ingarukambi kuri abo baregerwa bagereranije n’umwimbu baronse mu mwaka w’ishure uheze. Bemeza ko abana babo baronse amanota make. Babona ko mu gihe izo ntebe n’ibindi bikoresho mfashanyigisho bitoboneka mu mwaka w’ishure buca utangura, ingorane zoca ziyongera.
Ni naho basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti. Umwe mu barezi twahuriye kuri iryo shure yemeza nawe nyene ko izo ngorane zahibonekeje muri uyo mwaka w’ishure urangiye, Amenyesha ko abarezi bitaboroheye gutanga ivyirwa kubera ubwo bwinshi bw’abanyeshure. We asaba ko n’ibirasi vyokwongerezwa aho bikenye kugira abo bana b’igihugu bige borohewe.
Tubibutse ko mu ntango z’uyu mwaka, Umushikiranganji w’ikigega ca reta Alain Ndikumana yari yamenyeshe ko ubwo bushikiranganji bugiye gusohora amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 18 kugira hakorwe igitigiri c’intebe buri ishure rikenye. Ivyo bikaba vyabwirizwa gukorwa n’amakomine aho izo ntebe zabwirizwa kubazwa mu bitara vyegukira ayo makomine.

























