BurundihomepageKirundiSante

Bumuza: barababazwa n’ukubona imyaka iheze, ibitaro bubakiwe bidakora

Nk’uko bivurwa n’abanyagihugu begereye umurwa mukuru wa zone Kigamba muri komine Cankuzo intara ya Buhumuza ahubatswe ibitaro vya Kigamba bababazwa no kubona ivyo bitaro bimaze imyaka 2 bishikiririjwe n’intwaro ariko kugeza n’aya mango bitangura gukora.

Twebwe tubona uruhombo kuri ibi bitaro bubatse hano kuko turiko turavyihweza umuntu iyo arwaye canke agwaje tuja i Muyinga kandi turiha amafaranga menshi. Aha mu Ruyigi tuja mu Gitanga canke i Shinge naho ni kure. Nivyo vyari bigira bitwegere. Twovuga tuti ni ibitaro bikomeye”

Hari n’ibikoresho kuri iyo nyubakwa bizohava bisaza ataco birakoreshwa .

Erega burya inzu ataco iriko ikoregwamwo irasaza. Je narinjiyeyo ndabibona nca ngira Nti uko biri kose ko batariko barahakorera bizokwononekara” .

Basaba ko ivyo bitaro vyokwugururwa bigakora kugira abo banyagihugu ingendo bagira baja kwivuza ahandi zigabanuke. Kuri ivyo, muganga Prosper Bigendakumana arongoye intara y’ubuvuzi ya Buhumuza aremeza ko ivyo bitaro bikwije iyo myaka 2 bariko baritegura ko bikora ariko bitaratangura. Asigura ko ivyatumye biteba ari uko ikibanza birimwo kitagirama umuyagankuba, ariko hatanzwe isoko ngo icuma bita Transformateur hamwe n’ibindi bijana bizanwe. Mu nyuma ango basanga harimwo kurenza urugero ku mafaranga akenewe ariko guhagarika iyo soko. Yamara yizeza ko hateguwe amafaranga agera ku miliyaridi 2 kugira ivyo bikorwa biranguke muri uwu mwaka w’2026. Nayo ku kijanye n’ibikoresho vyokononekara muganga Bigendakumana yemeza ko vuba hagiye kurungikwa umurwi w’abahinga kugira ibikoresho vyota agaciro bijanwe ku bindi bitaro.

Ivyo bitaro bishobora kurahura umuyankuba muyindi nzira kuko ivyuma bigezweho bazokoresha bitoshobora gukora badafise umuyagankuba ukwiye.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE