BurundihomepageKirundi

Bavuga ko bakora ntibahembwe

Abana bari hagati y’imyaka 14 na 15 bo ku mutumba Karama zone Ruburizi commune Ntahangwa i ntara ya Bujumbura barakoreshwa ariko ntibahabwe agahembo bemerewe n’ababakoresha.

Chris Kevin Akimana ni umwana w’imyaka 14 aba muri ico gice. Avuga ko aja guca amafaranga mu gihe c’uburuhuko na bagenziwe. Ariko hari ingorane agirira muri ivyo bikorwa aja gukora kugira aronke amafaranga.

Avuga ati: “Gufyatura amatafari kenshi ntibaduhemba. Je vyaranshikiye nagiye kuropora umusenyi ku Ntahangwa batubwiye ko baduhemba. Hageze bahemvye abo twari kumwe bakuze twebwe batubwiye ko turi abana ngo amahera ntaco tuyakoresha ngo tuzoje turaza kwoga gusa. Twatashe tubabaye“.

Love Estella Akimana nawe ntari kure y’ibishikira mugenziwe nk’uko. Nawe avuga ko hari abakubitwa n’ababakoresha:
Jewe nagiye kwikorera amatafari mw i Tenga. Uwo mugabo yaduhamagaye yaranse kuduhemba ngo twamenye amatafari. Uwo musi yaranadukubise“.

Umwe mu bavyeyi b’aho ku mutumba Karama avuga ko ibituma abana baja gukora ubuzi butandukanye mbere bunabaruhisha ari amikoro make ari mu miryango aho abana baja gukora kugira bunganire imiryango mu vyankenerwa:

“Urabona muri iki gihe umuntu atirutse ntafungura duhitamwo kurungika abana kuko tutishoboye. Urumva akoze ntahembwe arataha yarushe agashika yubika umutima ku kirago kandi yakoze“.

Abo bana basaba ko iyo bakoze bohembwa nk’uko baba babisezeranye n’abababa babahaye akazi.

Twebwe turagenda tugakora hari aho turuha tukaruhuka baba bakwiye kuduha ayo tuba twakoreye basi baravye amasaha twakoze. Dusaba ko iyo twakoze tukavugana n’umubosi ko yoduha amafaranga nk’uko tuba twabivuganye”.

Abana bava kuri uwo mutumba Karama benshi baja guca amafaranga mu kwikorera amatafari aho bita mw’i Tenga, abandi baja kwikorera umusenyi hafi y’uruzi Ntahangwa. Abo bana bakora amasaha atari musi ya 8 na 10 bagahembwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 3 n’ibimbi 7 nk’uko bavyemeza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE