Abakoresha umuyagankuba muri quartier Mugoboka zone Nyakabiga commune Mukaza intara ya Bujumbura bavuga ko ukubura uburyo bwo kugura ibikoresho bitanga umuyagankuba muri kino gihe c’icikagurika ryawo bituma imyuga bakora bakoresheje umuyagankuba ibandanya guhungabana. Bavuga ko kubera iryo kena nyene ry’umuyagankuba, bimwe muri ivyo bikoresho vyoba vyanateye bizimba kumasoko.
Ivyo vyibonekeza muri tumwe muduce dutandukanye aho usanga bakora imyuga ijanye no guteranya ivyuma (soudure) canke gukora ivyuma vyapfuye (Réparation) bigizwe n’amaradio canke ama machine nyabwonko.Ariko abo bakora iyo myuga isaba umuyagankuba bavuga ko icikagurika ryawo rituma akazi bakora gahungabana.
“Umu client arazana iradio, ngiheza kuyugurura amatara akaba aracitse’’, niko umwe mubakora amaradio avuga, inyuma yaho umuyagankuba ucikiye utamaze n’amasaha ashika n’abiri nkuko abandanya avyigana.
« Ntituzi ngo uragaruka canke ntugaruka. Gusa kesnhi ukunze kugaruka amasaha y’ijoro twatashe ataco turi bukore », niko abandanya avuga.
Iyindi ntambamyi abo bakora imyuga itandukanye bifashishije umuyagankuba, bavuga ko atabundi buryo buri busubirire umuyagankuba, kuko ibikoresha imishwrara y’izuba ‘’panneaux solaires muri kino gihe vyazimvye kuva umuyagankuba utanguye kuja uracikagurika.
« Vyasaba ko tuba dufise panneaux solaires canke ama batteries. Ariko ubu vyaranzimvye cane ,vyaraduze ibiciro hafi ibice 85 kw’ijana,ntawuzi ko ari kubera iri bura ry’umuyagankuba, natwe ntaburyo dufise bwo kubigura », niko umwe mubakora amamachine nyabwonko aho ku Mugoboka yigana.
Abo bakora iyo myuga igizwe no guteranya ivyuma, bafise amakenga ko rumwe murwaruka rushobora kwadukana ubusuma.
« Ubu kubera bamwe muri twebwe tudashobira no kuriha amahera y’inzu, bamwe muri twebwe n’utwo dufise hashobora kuba abaza kutudutsindako », niyo makenga yuyo akora ivyo bikoresho.
Ishirahmwe regideso rijejwe gutanga umuyagankuba risigura ko icikagurika ryumuyagankuba ryibonekeza muri kino gihe ryatumwe nuko amazi mungomero yagabanutse kubera izuba ryinshi ryatse,ariko ryizeza ko iyo ngorane izohera imvura isubiye kurwa.
Ubu rihitamwo gutanga umuyagankuba muma quqrtiers biciye mukuwugabangana delestage mugifransa. Ariko kandi rymeza ko hari n’ibice bishobora kuwubura kubera imihora iwutwara ishaje






















