homepageKirundisécurité

Gambia: Abanyagihugu bazindutse mu myiyerekano biyamiriza ikena ry’umuyagankuba

Abanyagihugu bo muri Gambia bazondukiye biyerekana mu bice bitandukanye vy’igihugu kubera ikibazo c’ikena ry’umuyagankuba kimaze igihe kitari gito, aho mu turere tumwe tumwe bavuga ko umuriro ushobora kumara amasaha agera kuri 48 utaboneka.

Ku murwa mukuru Banjul, abari mu myiyerekano baturiye amapine mu mabarabara, bashiraho imizingi ibuza imodoka kurengana, banavuga amajambo asaba Perezida Adama Barrow kuva ku butegetsi. Polisi yakoresheje gaz lacrymogène mu kubasanzaza.

Mu gisagara ca Farato, abiyerekana bakoraniye hafi y’aho icegera ca Perezida, Mohammed B.S. Jallow, aba, ndetse bamwe bononye amabendera y’umugambwe uri ku butegetsi.

Ikibazo c’umuyagankuba kibaye mu gihe Gambia yitegurira amatora ya Perezida ategekanijwe mu kwezi kwa Kigarama, aho Perezida Adama Barrow ariko arondera manda ya gatatu. Ivyo vyatumye ikibazo c’umuriro gifatwa kandi nk’ikibazo gifise ishusho ya poritike.

Ikigo ca Leta kijejwe amazi n’umuriro, NAWEC, cari cigeze kuvuga ko habaye iyongerekana ridasanzwe ry’ikoreshwa ry’umuriro kubera ubushuhe bwinshi, hamwe n’ikibazo c’ubihinga cagize ingaruka kuri kimwe mu vyuma bitanga umuriro.

Perezida Barrow  vyari bitegekanijwe ko agendera ibigo vya NAWEC no kuvugira igihugu ku mugoroba, mu gihe umutekano wari ukomeje gukurikiranwa inyuma y’izo ndyane.

Abanyagihugu basaba ko ikibazo c’umuriro gikemurwa vuba, kuko kiriko kirabangamira ubuzima bwa misi yose, ubudandaji n’ibikorwa vy’ubutunzi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE