EntertainmentKirundi

Generencha Bidondo ati:”kubera iki aba diaspora batitaho abaririmvyi bakera?”

Generecha Bidondo avuga ko kubona atariko araboneka muri kino gihe ari kubera aba diaspora babibagiye baguma baduza abaririmvyi bubu ariko bo batanguye umuziki kera bameze nk’abibagiwe,agasaba ko nabonyene bokwibukwa bakaduzwa nk’abandi

 

Hakizimana Husseni azwi kw’izina rya Bidondo yamenyekanye cane mu muziki w’Uburundi ku ndirimbo yiwe yambere yise “Asikutishe” hamwe n’izindi mu mwaka wa 2005 mu gihe c’abaririmvyi nka Lolilo,Soso k,Big Fizzo,Nziza Desiré n’abandi… avuga ko n’ubu ashimira umuhisi Soso kay kuko ariwe yamuhaye umutima wo kwandika iyo ndirimbo yiwe yambere ivuga cane k’ubuzima bwiwe ico twokwita inkuru y’ukuri yerekeye ubuzima bwiwe.

 

Generencha amenyesha ko umuririmvyi ahora yigana mu bikorwa vy’umuziki akora bikamushimisha,ari umuririmvyi Koffi ava mu gihugu ca Congo ngo kuko ivyo akora k’ubutambiro(scène) hamwe n’ukuntu ateramisha abantu bimuhimbara, arongera akagira ati:”Ndashimira umuhisi Christophe Matata ko iyo agiye gukora igiteramo yarantumira mu biteramo vyiwe vyose,ikindi abaririmvyi bubu bafise ibakwe kuko ibiteramo vyabo birimwo amafaranga ariko twebwe mu gihe cacu twaronka amahera make, kandi ubu iyo ukoze igikorwa ukagishira kumbuga ngurukanabumenyi ibikogwa vyawe biramenyekana cane.”

Bidondo ashikiriza ko kubona atariko araboneka muri kino gihe mu muziki bitumwa n’ukwo uburyo afise ari buke bikamugora mu gukora amasanamu hamwe nokuja muri studio, ariko akavuga ko aba diaspora hamwe n’abandi bo mushigikira kugira ngo uwu mwaka akore umuzi, akifuza gusohora umuziki na Big Fizzo, lolilo , kuko mu mwaka wa 2024 atagikogwa yakoze .

Akanakeza abaririmvyi bariko bakora cane ubu kuko birukanye indirimbo z’abanyamahanga, akamenyesha ko ubu ugiye mu bunywero canke mu butambiro usanga ndirimbo z’abaririmvyi b’abarundi arizo zivuzwa cane agahanura ko bakwandika biyumvira no kuri kazoza.

Uwo muririvyi ashikiriza ko kubona atariko aboneka muri kino gihe mu muziki aruko uburyo busigaye ari buke mugukora amasanamu nokuja muri studio ariko agasaba ko aba diaspora hamwe n’abandi bomushigikira kugira ngo uyu mwaka akore umuzi akifuza gusohora umuziki na Mugani Désire , Lolilo , kuko mu mwaka wa 2024 atagikogwa yakoze .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE