A la UneAgriculturehomepageKirundi

“Hamwe ifumbire itoboneka mu gatasi kimirije,n’ivyahuha bishobora guhuhuka”, abarimyi b’i Butaganzwa i Buhumuza

Abarimyi bo mubice bitandukanye vy’igihugu barabandanya kwidogera ikena ry’ifumbire ribandanya kwibonekeza. Muri commune Butaganzwa y’intara ya Buhumuza, bamwe mubarimyi baho bavuga ko ubu bitagikunda ko umwimbu ugenda neza kubera ukubura iyo fumbire. Bakagira amakenga ko no mw’irima ry’agatasi ryimirije iyo fumbire ishobora kubandanya ibura. Reta iheruka gutangaza ariko ko iriko irakora ibishoboka vyose kugira ifumbire iboneke.

Nk’abarimyi bo kumutumba Nyamiyaga w’iyo komine bavuga ko gushika ubu bagifise amatike barihiyeko ifumbire mubice vyirima biheruka ariko ko gushika ubu atayo bararonswa.Ivypo bemeza ko vyatumye umwimbu kuri bo uja urasubira inyuma.
Ubu bibatuma kwibaza niba mw’irima ry’agatasi ryimirije ibintu bidashobora kunyuka ,hamwe batoronswa iyo fumbire.

“Mu bihe vy’irima biheze, ibintu ntivyoroshe na gato.Hariho n’abafise ama tike yo mu gatasi kahera, abandi bafise ayo muri iyi mpeshi, kugeza n’ubu ntamase twashoboye kuronka’’, niko Bernard Niyonzima umurimyi wo kuri uyo mutumba avuga.

Abarimyi bo muri ico gice bidoga kandi ko no mw’irima ryo mu mwonga ry’uno mwaka, bavuga ko atafumbire baronse.
“Twahora kandi tunaronka umwavu wo mumwonga,ariko n’ubu ntawo twaronse, nico gituma rero no mw’irima ry’impeshi atamwimbu twaronse” “n’ubu rero turafise ubwobo y’uko mugatasi hoho , n’akahuha kazohuhuka kubera nk’ubu nta na kimwe twumva batubwira ko umwavu woba uriko uraboneka”, niko abarimyi bavuga.

Kubera uko gusubira inyuma kumwimbu abo banyagihugu bavuga ko ukubura ifungurwa zikwiye gutyo hakaduka indwara ziturutse kugufungura nabi nk’imwe mungaruka bimaze kwibonekeza.

“Usanaga abana bariko bararwaragurika, kubera abantu ubu hari abadafungura neza kubera kubura imfungurwa zikwiye, eka natwebwe abavyeyi,usanga ari ikibazo kubera tuja kurima utafunguye neza, ntibikunda”, abo barimyi babivuga.

Ico barimyi basaba,ni ukuronswa ifumbire mvaruganda, kuko bavuga ko iyanyabarega yonyene ataco ifasha kugira baronke umwimbu ushemeye.

Naho abo barimyi bo muntara ya Buhumuza babandanya kwidogera iryo kena ryifumbire, umushikiranganji wa mbere wa Reta Nestor Ntahontuye yavuze mukwezi kwa Ruheshi guheze 2026, ko reta iriko irakora ibishoboka vyose kugira ifumbire iboneke.
“Nivyo mukwicenda hagira hagere,natwe Reta ntitwicaye turiko turakora kugira ko hagera umweneguhugu afise ifumbire akoresha”, niko Ntahontuye yavugiye mukiganiro c’abagize urwego nshingwabikorwa rwa Reta mukiganiro n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu.

Zimwe mumvo Reta ivuga ko zatumye ifumbire idakwira, nuko abarimyi “bijukiye kurima ari benshi, gutyo iyategeknywa ntibe igikwira abarimyi.”
Ariko kand kuri ivyo hiyongerako ikena ry’amafaranga mvamakungu ,ihinguriro ryifumbire FOMI rikenera kugira rihingure iyo fumbire. Hagati aho, Reta inahimiriza abanyagihugu kwijukira gukoresha ifumbire ya nyabarega, nubwo abarimyi gushika ubu bemeza ko iyo nayo idakora neza hatabonetse ifumbire y’ikizungu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE