Ni igiki koko cabaye mu nkambi y’impunzi z’abakongomani ya Busuma muri ino ndwi ? Reta hamwe n’izo mpunzi basigura ugutandukanye ivyabaye ku wa 22 Mukakaro 2026.
Impunzi z’abakongomani ziri mu nkambi ya Busuma zivuga ko abantu bane bapfuye n’abandi bagera kw’icumi barakomereka inyuma y’imyiyerekano yabereye muri iyo nkambi ku wa gatatu w’ino ndwi. Ku rundi ruhande, ubushikiranganji bujejwe umutekono hamwe na ONPRA bavuga ko hakomeretse abapolisi babiri n’umwana umwe, kandi ko imodoka ya HCR yononekaye muri iyo myiyerekano.
Amakuru yatangajwe kuri uyu wa kane n’ikigo ONPRA kiraba ivy’impunzi n’abatagira ubwenegihugu yavuga ko habaye ico abarongoye ico kigo bita ingorane muvy’ubuhinga, ‘’problème Technique’’ , mw’iyandikwa ry’izo mpunzi , zisanzwe zitahukanwa buri ndwi.
Iyo ngorane yatumye ico kigo gifata ingingo y’uko kuri uyu wakane ari nawo musi izo mpunzi zitahukanwako, ko hatahukanwa abagera kuma 300 gusa.
« Ikintu cabaye, nuko ku musi twahora dutahukana abagera ku 1000 canke 1100, ariko rero harabaye akagorane k’ubuhinga mu bijanye n’ibiharuro tuca dutegekanya ko tuzobatahukana mu ndwi iza, tugiye kubibasigurira ntibavyumvise, nico catumye bagukumuka », niko Fiacre Nkurunziza ajejwe gukurikirana impunzi ziri mu nkambi y’intara ya Buhumuza yavyiganye kuri uyu wa kane.
Yabandanije avuga ko muri iyo myiyerakano hari abakomertse ndetse n’ivyononekaye.
Muri ivyo, ni abapolisi babiri bakomerekejwe n’amabuye batewe n’izo mpunzi hamwe n’umwana umwe yaciweko n’abariko bariruka, nayo umuduga w’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR ukaba warononywe ikiyo utewe amabuye, nk’uko Nkurunziza abivuga.
Ako kaguma, katumye hari n’amasasu avuga kugira izo mpunzi zishobore guhumuzwa.
Muri uko guhumuza kw’izo mpunzi, bamwe muri zo bo bavuga ko abantu bane bitavye imana bitumwe n’uko igiporisi cakoresheje inguvu zirenze mu gukubita izo mpunzi, mu gihe zari zishavujwe n’uko hari abatibonye ku ntonde z’abari gutahukanwa.
« Turaheza dutangura kubaza duti, ko tutibona ku ntonde ? kubaza uko gusa, abapolisi bari ku kibuga aho abana bakinira, baciye batangura gukubita abantu, mbere n’umukenyezi umwe yari yibungenze imbanyi yiwe yaciye ivayo amaze gushika kwa muganga, uwundi mwana w’umukobwa nawe, yaraguye aravunika mw’ifyigo ,ubu ari mu bitaro », niko umukenyezi umwe wo muri izo mpunzi yiganye.
Amakuru y’ubushikiranganganji bujejwe umutekano ku vyabaye muri iyo nkambi, ntari kure y’ayatanzwe na ONPRA.
Gusa bwo bwavuze ko icatumye izo mpunzi zidatahukanwa uko vyahora, habaye ingorane y’ibitoro, nk’uko ubutumwa bwatanzwe n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Pierre Nkurikiye, abucishije kurubuga rwa Whatsapp rurimwo abavugizi b’inzego za Reta.
« Muri iyi ndwi, impunzi zaramenyeshejwe ko ata gikorwa co kubasubiza iwabo kizoba kubera ikibazo c’ukubura igitoro. Mu bisanzwe, basubizwa iwabo rimwe mu ndwi. Ivyo vyatumye haduka imyiyerekano ikomeye », niko ubwo butumwa bwavuga.
Bwanavuze kandi ko abantu indwi mu bari muri iyo myiyerekano bahagaritswe kugira bakurikiranwe n’ubutungane.
Izo mpunzi zinegura amahinyu yibonekeje mu kwandika abashaka gutahuka kuko zivuga ko ku ntonde zari zamanitswe mubotashe muri ino ndwi basanze mu banditswe harimwo abamaze gutaha, iki kikaba kiri mu vyatumye bagumuka, nk’uko impunzi twayaze bavyiganye.
Izo mpunzi zibandanya gusaba ko zosubizwa mu gihugu, kuko zivuga ko zibandanya kubaho mu buzima butoroshe. Zidogera ibifungurwa bidakwiye, ukubura imiti hamwe n’ivyo kuryamako no kwifuka. Zisaba kandi gutahuka kugira abana babo bashobore kwiga, kuko muri iyo nkambi bavuga ko bakubitwa n’abajejwe umutekano bari muri iyo nkambi. Ayo makuru ariko nta nzego za reta ziyemeza.
Ku ruhande rw’Uburundi, Fiacre Nkurunziza ajejwe gukurikirana izo mpunzi ziri mu makambi muri iyo ntara ya Buhumuza, avuga ko umugambi wo gutahukana izo mpunzi ubandanya nk’uko bitegekanijwe ko buri indwi hatahukanwa abarenga ibihumbi 2, n’ubwo ku ruhande rwa Congo, avuga ko ibibanza bakirirwamwo iyo bashikanwe muri ico gihugu ari gito, kuko ahandi hakirangwa umutekano muke.
























