.Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, bivugwa ko yagiranye ikiganiro gikomeye kandi c’amatati n’Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, ku bijanye n’ukwiyongera kw’ibitero vya gisirikare vya Isirayeli muri Libani. Ivyo vyatangajwe n’ikinyamakuru Axios gisubiyemwo amakuru cahawe n’abajejwe ico kibazo.
Ayo makuru avuga ko ico kiganiro cabaye mu gihe umutekano wo mu karere ka Moyen-Orient wari umaze kujamwo n’ibijanye n’ubwoba, aho hari impungenge ko intambara yoshobora gukwira no mu bindi bihugu vyo muri ako karere. Iran nayo yari yamaze kuburira ko yoshobora guhagarika ibiganiro vya dipolomasi iriko iragirana na Amerika nimba Isirayeli ibandanya ibitero vyayo muri Libani.
Nk’uko Axios ibivuga, Trump ntiyanezerewe n’ingene Netanyahu ariko ayobora ibikorwa vya gisirikare, cane cane ku migambi yo kugaba ibitero bikomeye kuri Beirut, umurwa mukuru wa Libani. Perezida wa Amerika ngo yamusavye guhagarika ibikorwa vyose bishobora gutuma ibintu birushiriza kononekara.
Trump kandi ngo yaburiye Netanyahu ko ibitero vyinshi ku banyagihugu no ku bisagara vya Libani bishobora gutuma Isirayeli irushiriza kwankwa n’amakungu, ndetse bikongera gutuma ico gihugu gisigara conyene mu rwego mpuzamakungu.
Abegereye ico kibazo bavuga ko ayo majambo ya Trump ashobora kuba yaragize uruhara runini mu guhagarika umugambi wa Isirayeli wo kugaba igitero gikomeye kuri Beirut.
Mu majambo akomeye cane yavuzwe muri ico kiganiro, Trump ngo yabwiye Netanyahu ati:
“Uri gukora nk’umuntu yatakaje ubwenge. Iyo ntaba jewe uba waramaze gushirwa mw’ibohero. Ni jewe nkiri kugukingira. Ubu abantu benshi barakwanka, kandi benshi bariko baranka Isirayeli kubera ibi bikorwa.”
Aya makuru aje yiyongera ku bibazo bimaze iminsi vyiyongera hagati ya Amerika na Isirayeli ku bijanye n’ingene intambara zo muri Gaza na Libani ziriko ziragenda. Naho Amerika ikiri umufasha mukuru wa Isirayeli, bamwe mu bategetsi ba Amerika batanguye kugaragaza amakenga ku buryo Isirayeli ikoresha mu bikorwa vya gisirikare.
Kugeza ubu, ntiharagira ico White House canke ibiro vya Netanyahu bivuga ku mugaragaro kuri ayo makuru.
























