Mu gihugu ca kenya, uno musi igenekerezo rya 1 Ruheshi 2026, habaye imyiyerekano ikomeye cane mu gisagara ca Nanyuki aho abanyagihugu amajana bazindukiye mu mabarabara kwiyamiriza umugambi wo kwubaka ikigo co kwakiriramwo no gufunguriramwo abantu bakekwa ko banduye umugera wa Ebola.
Iyo nyubakwa yari tegekanijwe kwubakwa hafi ya Laikipia Air Base ikaba yashigikiwe na Leta zunze ubumwe z’Amerika kugira bakirire abanyagihugu babo baba barahuye na Ebola mu bihugu nka repubirika iharanira demokarasi ya Congo na Uganda. Uwo mugambi wari utegekanijwe kugira ico kigo kigire ibitanda 50.
Abakoze imyiyerekano bavuga ko batinya ko Ebola yoshobora kwinjira muri kenya, sisiteme y’amagara y’abantu muri kenya ititeguye neza guhangana niyo ndwara, ubukerarugendo n’ubudandaji muri Laikipia bushobora gusubira inyuma kubera ubwoba bwa Ebola.
Mu myiyerekano, abantu benshi bagendeye mu mabarabara bitwaje ivyapa, amababi y’ibiti hamwe n’amabendera ya kenya bavuga amajambo yo kwanka ico kigo. Hari aho bamwe bicaye hagati mw’ibarabara Nanyuki-Nyari kugira bahagarike uruja n’uruza.
Polisi hamwe n’abasirikare ba kenya bashizeho umutekano ukomeye hafi y’ikirindiro c’igisirikare ca Laikipia Air Base aho bamwe mu bari mu myiyerekano bagerageje kwegera ico kibanza ariko bagahagarikwa. Mu nyuma habaye uguterana amajambo n’ukwirukanwa hagati ya polisi n’abiyamiriza ico kigo.
Iyi nkuru yaciye ikomera cane inyuma y’uko sentare nkuru ya kenya yari yahagaritse vy’agateganyo uwo mugambi ku wa gatanu uheze, inyuma y’ikirego cashikirijwe n’ishirahamwe ry’abanyamategeko hamwe n’abaharanira kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Sentare yasavye ko ata muntu n’umwe afise canke akekwa ko yahuye na Ebola yokwinjira muri kenya muri uwo mugambi gushika urubanza rwumvirijwe neza.
Abategetsi ba kenya bo bavuga ko ico kigo categuwe mu rwego rwo gukomeza uburyo bwo kwikingira indwara z’ibiza ,kandi ko kitari kigenewe abanyamerika gusa. Leta ya Amerika nayo yavuze ko izotanga imiliyoni 13.5 z’amadorari yo gufasha kenya mu kwitegurira no guhangana na Ebola.
Muri kino gihe, Ebola iracariko irakwiragira cane mu bice vya Congo,aho ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu,, World Health Organization, rivuga ko Hari abantu benshi bamaze kwandura canke gupfa kubera iyo ndwara.
























