BurundihomepageKirundisécurité

Kanyosha : Ikimanga kimira abantu 

Umugabo umwe yahora aba mu gace kagira kane ico bita cellule muri karitiye Gisyo ya zone Kanyosha muri komine Mugere mu ntara ya Bujumbura yari yakorokeye mu kimanga gishikiramwo amazi y’imvura n’amazi mabi ava mu ngo zo muri ico gice nyene ku musi wa 6 w’indwi iheze yarobwe muri ico kimanga nyene kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 4 Rusama 2026.

Ico gihomoka kiri nko ku metero 400 k’uwuva kw’ibaraba ry’igihugu rigira 3 ahahoze ibiro vya zone yerekeza mu Gisyo. Ni munsi gato y’ishura ryitwa “convivialité” hamwe n’itongo ry’abapfuye ry’aho bita kwa Patori. Uwo mugabo yoba yari afise imyaka iri hagati ya 40 na 50 kuwofatira kugihagararo ciwe. Yatowe yaritavye Imana.

Abamubonye igihe yakorokerayo batubwiye ko hari nk’isaha cumi n’imwe zirenga ku musi wa 6, uwo mugabo ariko ararengana afashe akayira gaca hejuru y’ico kimanga ariko aravugira kugatelefone yari afise, gatoya ngo yoba yarasamaye gutyo aba akorokeyeyo, ntawasubiye kumukubita ijisho.

Mugabo rero , abamubonye akorotse bagumye barondera ko bomutora bagerageza gutuma ibiti n’ivyuma birebire muri mw’ibenga rya yamazi acafuye muri ca kimanga barabura.

Kuri uyu wa mbere rero, mu masaha y’igitondo, niho umubiri w’uwo muntu wareremba hejuru ya yamazi , ababibonye batabaza abandi kugira bawukureyo , niho hashwabaduka abanyagihugu bavuye muri ico gice bakoranira hejuru ya ca kimanga , bagerageje ariko biranka ahubwo wa mubiri usubira kubayongana.

Kubera atawubahuka kuja muri rya benga atawuzi ingene rireha, abatware baho, abapolisi bajejwe ivyo gutabara mu gihe c’impanuka n’abo m’umuryango utabara imbabare croix Rouge bahakoraniye baca biyumvira kurondera ubwato bukoreshwa n’abarovyi, ubwo ntibwatevye kuhashikanwa.

Abarovyi babukorokeyemwo babwerekeza muri rya benga bararondera bararondera , gatoya baba baratoye wa muntu. Bamukuyemwo ka gatelefone yoba yariko avugirako hamwe n’akarangamuntu kiwe bongera baramwihweza baba baramenye ko yaba aho mu Gisyo nyene , baca bajana umubiri wiwe m’uburuhukiro kugira aze ashinguranwe iteka.

Abanyagihugu begereye ico kimanga ubu batekewe n’ubwoba, bibaza ko umwanya uwariwo wose gishobora kumira uwundi muntu kuko kiguma caguka , ariko gusaba ko ico gice cotunganywa vuba.

Ivyo bibaye inyuma y’amezi arenga 5 ariko ikigo ca Reta kijejwe gutunganya ibisagara n’inyubako gitanguje ibikorwa vyo kubakira ayo mazi atuma ico kimanga cimburuka, ibikorwa ariko caciye gicira hagati kumvo abahegereye batazi. Twarondeye umukuru wa OBUHA kuri telefone turamubura ariko kugira tumenye ryari ivyo bikorwa bizosubirira.

Co kimwe n’abo arongoye, Umukuru wa zone kanyosha yabwiye Radio Indundi Culture ko ibi bibabaje . Moïse Habonima ababazwa n’uko bimwe muvyo ico kigo cakoze ntibihere arivyo vyaciye bizibira amazi yahora aca m’umuserege uyatwara mu kiyaga Tanganyika ahubwo aca atuma haba rya benga. Anibutsa ko Reta iriko irahomba kuko kubwiwe ivyo bikorwa nivyasubira hazokoreshwa uburyo bwiyongera kubwari gukoreshwa iyo ibikorwa bidahagara.

Ubuyobozi bwa zone bwaciye bufata ingingo yo kugara akayira kahora gaca hagati muri rya tongo ry’abapfuye no hejuru y’ico kimanga kerekeza m’uducimbiri twa 2, 3, na 4 mu Gisyo mukurindira ko hafatwa izindi ngingo zirinda impanuka nk’iyo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE