A la UneDivertissement

Kayanza: Abantu 14 baramaze kuribwa n’imbwa zisara

Abantu 14 baramaze kuribwa n’imbwa zisara mu makomine atatu agize intara ya Kayanza kuva mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu 2024 .Abajejwe intwaro bahamagarira abanyagihugu kwica imbwa zose ziyerereza.

Amakomine yo mu ntara ya Kayanza amaze kwibonekezamwo abamaze kuribwa n’izo mbwa zisara ni Muruta aho izo mbwa ziyerereza zimaze kurya abantu bane (4) ku mutumba wa Camazi ,Muruta na Mugariro zibiri (2) muri izo ziyerereza zikaba zimaze kwicwa ,muri komine ya Kayanza zimaze kurya abantu ba (5) bo ku misozi ya Gitwa na Ruhande zitandatu (6) zikaba zimaze kwicwa mugihe muri komine ya Gatara zimaze kurya abantu batanu (5) impene zibiri (2) n’ingurube imwe (1),zine zikaba zarishwe .

Abanyagihugu bo muri izo komine bavuga ko bafise ubwoba kubera ko abana babo baja ku mashure canke bakaja kuvoma .

Ku bitaro bikuru vy’intara ya Kayanza hakaba ata rucaco rw’ibisazi vy’imbwa ruharangwa gushika ubu . Bamwe mubariwe n’izo mbwa babishoboye bakaba baja kwivuriza i Ndora muri komine ya Bukiranyana y’intara ya Cibitoki, abadafise uburyo nabo bakaba bataka abajejwe intwaro kugira ico bafashijwe kugira ababo bavuzwe , abajejwe intwaro bahamagarira abanyagihugu kugira uruhigi kuri izo mbwa zose ziyerereza zikicwa abazitunze nabo bakazicanshisha kandi bakama bitwararika kuzizirika.

Mu buyobozi bw’amagara y’abantu mu ntara ya Kayanza muganga Pascal Niyonzima arongoye iyo ntara y’ubuvuzi arizeza ko urucaco rukinga ibisazi vy’imbwa ruzoba rwabonetse mu kiringo c’indwi imwe .

Inkuru yanditswe na Sonia Vyamungu

What's your reaction?

Related Posts