Mu gihe abanyeshure bari mu buruhuko bukuru, usanga abana benshi bariko barakora ibikorwa bitandukanye. Hari abakorera mu mirima, abafasha abavyeyi mu mirimo yo muhira, abadandaza utuntu dutoduto, abiga imyuga nk’ugusona impuzu, ubwubatsi, ububaji n’ibindi, abandi na bo bakoresha umwanya mu gusubiramwo ivyigwa canke mu gukina n’urunganwe rwabo. Abahinga bavuga ko uburuhuko bukuru ari akaryo keza ko kwigisha abana ibikorwa bibafasha gukura bamenya gukora no kwitegurira ubuzima. Ariko kandi baragabisha bavuga ko abana badakwiye guhabwa ibikorwa bibaremereza canke bibabuza kuruhuka nko gukina, kuko na vyo biri mu bibafasha gukura neza.
Ni mu kiganiro cama gishikirizwa kuri Radio Indundi Culture buri misi ya gatandatu guhera igihe c’isaha umunani (14h00) gushika igihe c’isaha icenda (15h00) giha akaryo abana batoya gutasha incuti n’abagenzi.
Abo bahinga bahamagarira abana kandi kwubahiriza ikiringo co kuruhuka no gukina, ntibibagire gusubiramwo ivyigwa kugira bitegurire igihe c’ishure batibagiye n’umwanya wo gufasha abavyeyi mu bikorwa vyoroshe vyo muhira.
Basabwa kandi gusoma ibitabu bakiga ubumenyi bushasha bushobora kuzobafasha mu buzima, bakirinda ubuyererezi, ibiyayuramutwe n’abagenzi babi.
Abavyeyi nabo bakwiye kuba hafi y’abana babo kandi bakamenye aho baja n’ivyo bakora, bakabashigikira mu bikorwa bibafasha gukura neza, ntibabahe ibikorwa birengeye ubushobozi bwabo canke bibabuza kuruhuka.
Basabwa kuganira na bo kenshi kugira babigishe indero nziza z’ukwirinda ingeso mbi, bakabigisha gukoresha neza uburuhuko kugira buzobabere igihe co kwiga, co kuruhuka no gukura mu bwenge no mu ngeso.
Uburuhuko bukuru ni igihe ciza co gutegurira abana kazoza. Iyo rukoreshejwe neza, rubafasha gukura bafise ubumenyi, indero nziza n’inyifato ibereye.

























