EntertainmenthomepageKirundiSport

Perezida Paul Kagame yaraye akeje umugwi wa Arsenal ku ntsinzi waraye uronse

Umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame yaraye akeje umugwi wa Arsenal F.C inyuma yo gutahukana igikombe ca shampiyona y’ubwongereza, première League muri uyu mwaka w’inkino. Mu butumwa yashize ku rubuga rwa X(Twitter), Kagame yavuze ati: “Turakeje Arsenal, abafatanyabikorwa bacu ba ‘Visit Rwanda’, kuba babaye abahizi ba première League inyuma y’ihiganwa rikomeye ryaranze umwaka wose. Ni gikombe bari bakwiye.”

Yasiguye ko iyo ntsinzi yavuye ku bikorwa vy’ubwira, ubumwe n’ukwitanga vyaranze uwo mugwi mu mwaka wose w’ihiganwa. Avuga kandi ko Arsenal yerekanye indero n’umwete vyatumye ishika kuri ayo mahirwe akomeye.

Arsenal isanganwe ubucuti bw’akazi n’u Rwanda biciye mu mugambi “Visit Rwanda”, ujejwe kumenyekanisha ubukerarugendo bw’u rwanda kw’isi no gukomeza kwamamaza ico gihugu biciye mu nkino.

Inyuma y’aho Perezida wa Zambia, Hakainde Hichilema nawe akaba yifatanije n’abandi bategetsi bo muri Afurika mu gushimira Arsenal F.C inyuma yo gutahukana igikombe ca premier League y’ubwongereza (EPL).

Mu butumwa yatanze, yavuze ko n’aho hari ikibazo gihambaye ca poritike catumye batavuga rumwe, yabonye ko ari vyiza kwemera abo bahanganye no gushimira abakunzi ba Arsenal. Yagize ati: “N’aho tutavuga rumwe na gato ku kibazo kimwe gihambaye cane, muri iki gihe c’indwi yuzuyemwo ibikorwa vya poritike ndasavye ko mfata akanya ko gushimira abo duhanganye. Turabakeje mwese abakunzi ba Arsenal.”

Abafana b’iyo ekipe ya Arsenal hirya no hino kw’isi bagumye mu munezero udasanzwe inyuma y’aho iyo ekipe itahukanye igikombe ca shampiyona y’ubwongereza, Première League.

Londres yatahukanye ico gikombe inyuma y’imyaka irenga mirongo ibiri n’ibiri 22 itagishikira, Arsenal yemejwe nk’umugwi wa mbere wa premier League mu gihe hasigaye umukino umwe gusa ngo ihiganwa rirangire. Inyuma y’aho Manchester City bari bahanganye banganyije ibitsindo 1-1 na Bournemouth mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE