BurundihomepageKirundiSante

Rubirizi: indwara ziturutse ku gufungura ziracibonekeza

Bamwe mu bavyeyi bo muri zone Rubirizi komine Ntahangwa intara ya Bujumbura baravuga ko abana babo bafise ibibazo biterwa no gufungura nabi. Zimwe mu mvo n’uko badashobora kuronka imfungurwa zikenewe bitumwe n’amikoro make. Ivyo binemezwa n’abaremeshakiyago bo muri ico gice. Ukurwanya indwara ziturutse ku gufungura nabi rikaba ari rimwe mu mahangiro ya Reta.

Espérance Niyonzima, ni umuvyeyi w’abana icenda (9) wo muri iyo zone Rubirizi. Avuga ko umwe muri abo bana w’imyaka itatu (3) amagara yiwe yabandanije asubira inyuma , inyuma yo gukurwa ku rutonde rw’abana bahabwa ingaburo “ibisuguti” [biscuit] zifasha abafise ibibazo biturutse kugufungura nabi bitangirwa ku mavuriro.

Asigura ko yabwiwe ko abana bakeneye izo ngaburo boba bari benshi kw’ivuriro ritoya rya Rubirizi kandi ko abaganga bamubwiye ko umwana wiwe yakize atagikeneye kubandanya ahabwa izo ngaburo.

“Uwo mwana maze imisi ndamutondana kwa muganga. Afise ikibazo co kudahwa no gucibwamwo. No kumperana yamperanye kuko atakarasiyo (ration) gakwiye kaboneka, vyasabwa ko ndonka n’amata yako kana ariko ntayo ndonka”, niko uwo muvyeyi avuga.

Kubera amikoro make, bituma ataronka, nk’uko avyipfuza, imfungurwa zikwiye kugira ashobore guhindurira ivyo kurya agaburira uwo mwana w’imyaka itatu.

Hari aho ndonka ubugari n’ibiharage nkamuha ivyo nyene, canke naho na nyabiharage bikabura umuntu agateka ibijumbu bigaragara. Urumva nk’ivyo ku mwana mutoya nta magara meza yogira”, niko uwo muvyeyi abandanya avuga.

N’ubwo ata bitigiri nyezina vy’abana bafise ibibazo vyo gufungura nabi bariko bakurikiranirwa kw’ivuriro bashima gutanga, abarongoye ivuriro ritoya rya Rubirizi baremeza ko hari abana bakira bafise indwara zituruka kugufungura nabi.

Yamara abaremeshakiyago bo, bo kuri imwe mu mitumba y’iyo zone bemeza ko abana bafise ibibazo biturutse ku gufungura nabi bahari. Euphemie Nyandwi umwe wo muri abo baremeshakiyago wo kugacimbiri ka Cibitoke, agira ati:

Muri kano gace, abana bagwaye indwara zo gufungura nabi bariho. Kandi rimwe na rimwe umuntu arabitegera kubera ko abantu barabaye benshi kandi iyo umuntu arya ari uko abanje guca itasha (tâche journalière) biba bigoye ko umuntu afungura neza…ndazi sinobura cumi barwaye. Benshi muri bo baba bari muri [jaune ] abandi nabo muri [rouge]”.

Anaclet Girukwishaka uwundi muremeshakaiyago wo ku mutumba wa Tenga Locale muri iyo zone nyene ya Rubirizi nawe yemeza ko muri ico gice hari abana bafise indwara ziturutse ku gufungura nabi biturutse ku mikoro make.

Si bose bashobora kugirirwa amahirwe yo kuronka ivyo bafungura bikwiye. Mu gihe umuntu afise amikoro make biragorana cane”.

Abo baremeshakiyago ariko bavuga ko babandanya kwigisha abavyeyi babonye abana babo bafise ibimenyetso vy’indwara zivuye kugufungura nabi kwitwararika gusumba, kubagaburira imirwi yimfungurwa itandukanye ararizo ndemamubiri, nsanganyangaburo na ntanganguvu.

Espérance Niyonzima, asaba Reta kubandanya ifasha abana bafise bene izo ndwara. “Reta yari ikwiye kubandanya iza kuraba bano bana bacu ukuntu bamerewe nabi, bakanadufasha utwo kubafungurira”.

Uguteza imbere ibijanye no gufungura neza ni rimwe mu mahangiro ya reta nk’uko biri mu gitabu c’umugambi w’imbonakazoza wo mu mwaka wa 2040-2060.

Nko mu mafaranga yategekanijwe gukoreshwa mu mwaka wa 2024 ushira uwa 2025, ayo mafaranga yangana na 1,3 kw’ijana mu gihe imbere y’aho mu mwaka wa 2023 ushira 2024, yangana na 1,1 kw’ijana.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE