Bamwe mubanyagihugu baba muri zone ya Ruce muri komine Rugazi intara ya Bubanza bavuga ko muri ico gice atamuyagankuba bafise bigatuma hari imwe mu mirimo badashobora kurangura.Abo banyagihugu bemeza ko ivyo bibasubiza inyuma bagasaba ko bobaronswa umuyagankuba . Abajejwe intwaro muri ico gice bashikiriza ko ico kibazo cashikirijwe ababijejwe bakirindiriye ico korwa.
Abo basanzwe baba muri iyo zone ya Ruce isanzwe yegerey ikibira ca Musigati bavuga ko kubura umuyangankuba bituma bagira ingendo ndende mukuja gusyesha imyumbati hamwe no gusudira. Ivuriro ryaho muri ivyo bice nabo bashikiriza ko bahanzwe n’ikibazo c’umuyagankuba kubijanye no kubika imiti isaba gukanyishwa.Bemeza ko naho bafise umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izibu bavuga ko imvura iguye badasubira gukora neza nk’uko vyategerezwa .
Abo banyagihugu bagashikiriza ko kuva iyo zone ibaho ata muyangankuba iraronswa. Abiyungunganije nabo bakoresha umuyangakuba uvuye ku mishwarara y’izuba bakamenyesha ko iyo bishitse bakawukenera baja ku murwa mukuru wa komine Rugazi naho nyene ukaba utuboneka imisi yose bikaba ngombwa ko baja muri komine Mpanda .
Abajejwe intwaro muri ico gice bashikiriza ko bamaze gushikiriza izo ngorane ababijejwe ariko gushika ubu akaba ataco barakora.