BurundiEnvironnementhomepageKirundi

Ubutaka bw’Uburundi burageramiwe n’inzuzi zibugabura n’ibindi bihugu

Ubutaka bw’Uburundi ku nkengera z’inzuzi zibugabura n’ibihugu vya repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’Urwanda zirabangamiwe n’ibikorwa vy’abantu, bituma ubutaka bw’uburundi butera bwimukira muri ivyo bihugu kubera ko zimwe muri izo nzuzi nka Rusizi na Ruhwa zataye inzira.

Mw’ikete Buramatari w’intara ya Bujumbura aherutse kwandikira ba musitanteri b’amakomine ahana urubibe n’ivyo bihugu, abasaba gukurikirana ko ibikorwa nk’ivyo bitobandanya.

Mw’itangazo ryo kuwa 3 Myandagaro uno mwaka, buramatari wa Bujumbura yandikiye ba musitanteri b’amakomine ya NTAHANGWA, MPANDA, BUKINANYANA, CIBITOKE na MUGINA, avuga ko urugendo wagize hagati mu kwezi guheze kwa Mukakaro, umugwi w’igihugu ujejwe kwerekana aho imbibe z’igihugu zica, wasanze ibikorwa vy’abanyagihugu ku nkengera z’inzuzi za Rusizi na Ruhwa zigabura uburundi n’ibihugu vya congo n’urwanda bibangamiye ubutaka bw’Uburundi, ivyo bikorwa bigatuma bwimukira muri ivyo bihugu.

Muri ivyo bikorwa, urwo rwandiko ruvuga ko ari nko kurima ku nkobe z’’inzuzi, kwimba inzahabu, gufyatura amatafafari no kudakingira inkombe z’izo nzuzi .
Muri urwo rwandiko kandi umu kuru w’intara ya Bujumbura anegura ko ivyo bikorwa vyose biba abajejwe intwaro barorera mbere rimwe bakaba ari bo batanga impusha zo gukora ivyo bikorwa avuga ko bigayitse.

Kubera izo mvo, umurwi w’igihugu ujejwe imbibe z’igihugu ukaba wahavuye ukora inama yagutse irimwo abajejwe intwaro, umutekano, kwivuna abansi no gukingira igihugu, abajejwe ibidukikije n’amatongo hamwe n’abajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka gukurikira ko ata banyagihugu baja mu vyo kwonona imbibe z’igihugu k’uruzi runaka no guhana vy’akarorero abatware bose batazokwubahiriza ingingo zafashwe.

Ikibazo c’ubutaka bw’Uburundi butwarwa n’inzuzi zigabura Uburundi n’ibindi bihugu kiravugwa kandi no mukiyaya c’uruzi Malagarazi rugabura Uburundi n’igihugu ca Tanzania, rimwe na rimwe biturutse ku myuzurira ituma urwo ruzi ruta inzira, aho bamwe mubanyagihigu barimira muri ivyo bice bemeza ko bimaze no gutera amatati hagati yabarimyi, nk’uko bino vyanagarutsweko na buramatari wintara ya Burunga muri Mukakaro uno mwaka hahimbazwa umusi nyafrika wahariwe imbibe.

Parfait Mboninyibuka yahamagariye abanyagihugu kubandanya bakingira ubutaka bw’Uburundi mu gutera ibiti harimwo imigano birwanya inkukura.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE