KirundiSport

Umugwi nserukira gihugu w’abigeme batarenza imyaka 17 waraye utsinze uwa Côté d’ivoire

 

 

Abigeme b’imyaka 17 bayobowe n’umumenyereza Daniella Nibimenya baraye batsinze abo mu gihugu ca Côté d’ivoire ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1) mu rukino rwa mbere rwo kurondera itike yo kuja mu gikombe c’isi c’abigeme batarenza iyo imyak 17

Muri ivyo bitsindo bitatu vy’umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba harimwo ibitsindo bibiri vyatsinzwe n’umukinyi asanzwe akinira umugwi Buja Queens ukina mw’ ihiganwa Lumitel women’s League mu cicaro ca mbere.

Igitsindo ca mbere c’umugwi nserukira gihugu intamba kibaba cinjiye k’umunota 8 cinjijwe na Ange Nice Davina Nibogora, ico gitsindo cagiye kugomborwa k’umunota wa 31 cinjijwe n’umukinyi wa Côté d’ivoire yitwa Naomie, nayo k’umunota wa 36 Anne Marie Nishimwe ca yinjiza igitsindo ca Kabiri k’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba baja mu karuhuko k’igice ca mbere ari ibitsindo bibiri vy’Uburundi kuri kimwe ca Côté d’ivoire,bamaze kuza mu gice ca kabiri Ange Nice Davina Nibogora yaje kwinjiza igitsindo ca gatatu k’umunota wa 48 urukino rurangira ari ivyo bitsindo 3 kuri 1.

Urukino rwo gusubiriza (match retour) ruzoba kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Ntwarante 2025, narwo nyene rukazobera muri ico gihugu ca Côte d’Ivoire.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE